Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 5:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maz’ abanyabgenge bose b’umwami baca barinjira: ariko birabananira gusoma iyo nyandiko, no kumenyesha umwami ukw isobanurwa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 5:8
9 Iomraidhean Croise  

Bukeye, ahagarika umutima, atuma guhamagaza abanyamareba bose bo muri Egiputa n’abanyabgenge baho bose: Farawo abarotorera inzozi ziwe: ariko ntihagira ūshobora kuzimusobanurira.


Arikw ivyo vyompi bizokugwako umusi umwe, kubura abana no gupfakara: bizogushikako uko vyakabaye, nah’ ubupfumu bgawe bgoba bginshi bute, n’ amahezayo yawe akaba isinzi.


Inkota iri ku Bakaludaya, ni k’Uhoraho agize, no ku baba i Babuloni, no ku baganwa baho, no ku banyabgenge baho.


Daniyeli yishura umwami, at’ Ibanga wasobanuza nta banyabgenge boshobora kurikumenyesha mwami, cank’ abapfumu cank’ abanyamarēba cank’ abamenyi;


Izo nzozi ni jewe umwami Nebukadineza nazirose; nuko rero Beluteshaza, enda vuga uko zisobanurwa, kw abanyabgenge bose bo mu gihugu canje badashoboye kummenyesha uko zisobanurwa; ariko weho urabishobora, kukw impwemu z’imana zera ziri muri wewe.


Jewe Nebukadineza nari ngaho ngazagaza mu nzu yanje, ndibamye mu nzu y’ubgami.


Abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi bararenguka: mbarotorera izo nzozi, ariko ntibāmmenyesha uko zisobanurwa.


Kandi bari bamaze kunzanira abanyabgenge b’abapfumu kugira ngo bansomere iyo nyandiko, bammenyeshe ukw isobanurwa; ariko ntibashoboye kuvuga uko bisobanurwa.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan