5 Buno nyene haboneka intoke z’umuntu zandika ku gihome c’igisika mu ngoro y’umwami, ahahanganye n’igiteretswekw amatara; umwami abona ico gihimba c’igikonjo candika.
Ukwihaya kw’abanyakibi kumara igihe gito, No kunezerwa kw’abatubaha Imana ar’ ukw’ akanya isase?
Ūhanūrwa kenshi akagamika izosi Azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara.
Umwami w’i Babuloni yumvise inkuru zavyo, amaboko yiwe arareganuka: uburibge buramufashe, nk’ibise vy’umugore aramutswe.
Iryo jambo umwami akirikūra mu kanwa, haza ijwi rivuye mw ijuru, riti Yewe mwami Nebukadineza, ni wewe ubarirwa; ubgami ubukūwemwo.
Maz’ ako kanya iryo jambo riba kuri Nebukadineza: yirukanwa mu bantu, asigara arisha nk’inka, umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre, gushitsa ah’ umushatsi wiwe wabereye ikigunda nk’amoya y’inkukuma, n’inzāra ziwe zihinduka nk’iz’ ibisīga.
Kandi bari bamaze kunzanira abanyabgenge b’abapfumu kugira ngo bansomere iyo nyandiko, bammenyeshe ukw isobanurwa; ariko ntibashoboye kuvuga uko bisobanurwa.
banywa ibiturire, bahimbaza imana z’izahabu n’iz’ ifeza n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye.
Maze mu nyonga h’ umwami harahindurira, ivyiyumviro vyiwe bimuhagarika umutima; ingingo z’amatako yiwe ziradohoka, amavi arakomangana.
Maz’ abanyabgenge bose b’umwami baca barinjira: ariko birabananira gusoma iyo nyandiko, no kumenyesha umwami ukw isobanurwa.
ihanaguye n’icete kitwagiriza, kirimw’ amabgirizwa cāduhama, igikūra hagati yacu na yo, ikibamba ku musaraba.