Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 banywa ibiturire, bahimbaza imana z’izahabu n’iz’ ifeza n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 5:4
21 Iomraidhean Croise  

Maz’ abatumire ba Adoniya bose baranduka imitima, bava hasi, umuntu wese afata inzira yiwe.


Arikw abīshimira ibishushanyo vy’ibibāzano bazosubizwa inyuma, bazotētērwa cane, bo n’ababgira ibishushanyo vyāvugutiwe mu nkero, bati Mur’ imana zacu.


Jewe nd’Uhoraho, iryo ni ryo zina ryanje; icubahiro canje sinzogiha uwundi, n’ishimwe ryanje sinzoriha ibigirwamana vy’ibibāzano.


Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye.


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.


Nuko bazana ivyo bintu vy’izahabu vyari vyaranyazwe mu rusengero mu ngoro y’Imana i Yerusalemu; maz’ umwami n’abaganwa biwe n’abamikazi biwe n’ incoreke ziwe z’intoni babinyweramwo:


Buno nyene haboneka intoke z’umuntu zandika ku gihome c’igisika mu ngoro y’umwami, ahahanganye n’igiteretswekw amatara; umwami abona ico gihimba c’igikonjo candika.


Nuko ni co gituma bazogenda ar’ aba mbere mu bambukanwa ar’ inyagano, kand’ ibinezaneza vy’abīshanyangira ku misezero bizoshira,


Azobona ibara, ūbgira igiti, ati Ni wikangure! akabarira n’ ibuye ry’ikiragi, ati Haguruka! Mbeg’ ivyo vyoragura? Erega vyayagirijwekw izahabu n’ifeza, arikw imbere nta mpwemu bigira na mba.


Nuko rero, ko tur’ uruvyaro rw’Imana, ntidukwiye kwiyumvira yukw Imana isa n’izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye, ivyābājwe n’ubuhinga n’ubgenge bg’abantu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan