Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuko bazana ivyo bintu vy’izahabu vyari vyaranyazwe mu rusengero mu ngoro y’Imana i Yerusalemu; maz’ umwami n’abaganwa biwe n’abamikazi biwe n’ incoreke ziwe z’intoni babinyweramwo:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 5:3
11 Iomraidhean Croise  

Kand’ ibintu vyose vyo mu ngoro y’Imana, ibito‐bito n’ibinini‐binini, bo n’ivy’ ubutunzi vyo mur’ iyo ngoro nyene y’Uhoraho, n’ivy’ ubutunzi vy’umwami n’ivy’ abaganwa biwe, ivyo vyose abijana i Babuloni.


Ni co catumye i kuzimu harangara, hāsamitse akanwa kaho birengeje urugero: maz’ abakire b’i Yerusalemu na ba nyarucari baho barokeramwo, bakiri mu gahimbo, bavuza urwamo.


Ni mwumve ingene bahunga, bacika bava mu gihugu c’i Babuloni, ngo bamamaze i Siyoni uguhōra kw’Uhoraho Imana yacu, uguhōra yahōye urusengero rwiwe!


Maze Belushaza ahimvye igiturire, ahamagaza ibintu vy’imbombovu vy’izahabu n’ifeza, ivyo se Nebukadineza yari yaranyaze mu rusengero rw’i Yerusalemu, kugira ng’ umwami n’abaganwa biwe n’abamikazi biwe n’incoreke ziwe z’intoni babinyweremwo.


ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.


banywa ibiturire, bahimbaza imana z’izahabu n’iz’ ifeza n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye.


Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali.


Bagaheza bagahita nk’umuyaga, bagakomeza inzira, ar’ abanyabicumuro; kand’ inkomezi zabo bāzigize imana yabo.


Ariko mweho murarihumanya, kuko muvuga, mut’ Ameza y’Uhoraho aranduye, kandi n’ivyo aduhēra kuri yo vy’ivyo kurya n’ibikēngēretse.


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


Maz’ ico gihe, Abisirayeli bataragira umwami, hār’ Umulewi yari yaracīkiye mu mugamba w’Abefurayimu wo hirya, yari yābiriye umugore ava i Betelehemu h’i Buyuda.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan