Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 5:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Peres, risobanurwa ng’ Ubgami bgawe buragabanganywe, buhawe Abamedi n’ Abaperesi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 5:28
16 Iomraidhean Croise  

ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda. Non’ umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Uhoraho Imana yiwe n’ibane na we, adūge ajeyo.


Rāba nzovyutsa Abamedi ngo babatere; ntibazorāba ifeza, kandi naho zoba izahabu ntibazozibabara.


Ivyerekanywe bikomeye ndabihishurirwa; abaryarukanyi bariko bararyarukana, abanyazi bariko baranyaga. Yemwe b’i Elamu, ni mudūge mutere, namwe Bamedi, mubate hagati! Ukwitsa umutima kwabo kwose ngira nkurangize.


Ni co kizotuma ivyago bigushikako, ntumenye amahezayo yavyo; ibara rikugweko, ntushobore kuryīkūrako, kand’ ubugesera utazi buzokuzako giturumbuka.


Kandi nzoshitsa kur’ ico gihugu amajambo yanje yose y’ivyo nakigeneye, ni vyo vyanditswe mur’ iki gitabo uko bingana, ivyo navugishije Yeremiya mbigeneye amahanga yose.


Mwiteguze amahanga kurwana na ho, bo n’abami b’i Bumedi, n’abagabisha baho, n’ abaganza baho bose, n’ibihugu vyose biganzwa na ho.


Ico gishushanyo, umutwe waco war’ izahabu nziza, kand’ igikiriza n’amaboko vyar’ ifeza, inda n’ibibero vyar’ imiringa,


Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose.


Ubgo bgami buhabga Dariyo Umumedi, yar’ amaze imyaka nka mirongwitandatu n’ibiri y’amavuka.


Nuko ku ngoma ya Dariyo no ku ngoma ya Kuro Umuperesi, Daniyeli agira ikiganza ciza.


Nuko rero, mugenzi, shinga ico cihanikirizo, wisinye ku candiko caco, kugira ngo coye kuzohindurwa, nk’ukw ivyagezwe vy’Abamedi n’Abaperesi bidahinduka.


Impfizi y’intama y’amahembe abiri wabonye ni bo bami b’Abamedi n’Abaperesi.


Mu mwaka Dariyo mwene Ahasuwerusi wo mu ruvyaro rw’Abamedi yimyemwo, yimitswe kuba umwami w’igihugu c’Abakaludaya,


Tur’ Abapariti, n’Abamedi, n’Abelamiti, n’abamye i Mesopotamiya, n’i Yudaya, n’i Kapadokiya, n’i Ponto, no muri Asiya,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan