27 Tekel, risobanurwa ngo Wagezwe ku munzane, basanga ntushitse.
Ni ngerwe ku munzane w’ ukuri, Kugira ngw Imana imenye ukugororoka kwanje!
N’ukuri abafafara ni nk’impwemu zihumetswe, kand’ abahambaye n’ibinyoma gusa: Ni bashirwa ku munzane, bazoteruka gusa; Bose hamwe bahwahutse kurusha impwemu zihumetswe.
Ingendo zose z’umuntu ziba izitunganye mu maso yiwe ubgiwe, Arik’ Uhoraho agera imishaha ku munzane.
Inzira yose y’umuntu iba nziza mu maso yiwe ubgiwe, Arik’ Uhoraho agera imitima ku munzane.
Abantu bazobīta ifeza z’ibihonwa, kuk’ Uhoraho abashibuye.
Nuko mwana w’umuntu, wiyabīrire inkota y’ubuhwe, uyābīre bga rupfuhe, uyicīshe ku mutwe wawe no ku bganwa bgawe: uheze wiyabīrire umunzane wo kugeresha, ugabanye iyo mishatsi wimoye.
Kand’ Uhoraho yarashinze ivyawe, ngo Nta bandi b’izina ryawe bazosubira gutoha; nzohenebereza igishushanyo cabājwe n’igishushanyo cavugutiwe mu nkero mu nzu y’ibigirwamana vyawe; nzokwimbira icobo co kuguhambamwo, kuk’ ugayitse.
igikorwa c’umuntu wese kizoseruka. Wa musi uzogiserura, kuk’ uzohishuranwa n’umuriro, kand’ igikorwa c’umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo.