26 Kand’ ukw ivyo bisobanurwa n’uku: Mene, risobanurwa ngw Imana iharūye imyaka umaze uri ku ngoma, iyishizekw iherezo.
Umuntu ni yapfa, mbeg’ azosubira kubaho? Nokwihanganiye imisi y’intambara yanje yose, Nkarorēra igihe canje co kurekurwa.
Rāba nzovyutsa Abamedi ngo babatere; ntibazorāba ifeza, kandi naho zoba izahabu ntibazozibabara.
Kand’ amahanga yose azomusaba, asabe n’umwana wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushitsa igihe co kūzirwa kw’igihugu ciwe kigeze; ni ho amahanga menshi n’abami bahambaye bazomuhindura umuja na we.
Kand’ inyandiko yanditswe n’iyi: Mene, Mene, Tekel, Ufarsin.
mur’ uwo mwaka wa mbere ari ku ngoma, jewe Daniyeli namenyeshejwe n’ibitabo igitigiri c’imyaka Yerusalemu hazomara ar’ imisaka, kw ar’ imyaka mirongwirindwi, ari yo nyene ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugishije Yeremiya.
Ni k’Uhoraho agize, akora ivyo vyose, yabimenye uhereye ku kuremwa kw’isi.