24 Maz’ ico gihimba c’igikonjo kirarungikwa, kivuye kuri yo, iyo nyandiko irandikwa.
Kand’ inyandiko yanditswe n’iyi: Mene, Mene, Tekel, Ufarsin.
Buno nyene haboneka intoke z’umuntu zandika ku gihome c’igisika mu ngoro y’umwami, ahahanganye n’igiteretswekw amatara; umwami abona ico gihimba c’igikonjo candika.