Daniyeli 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)2 Maze Belushaza ahimvye igiturire, ahamagaza ibintu vy’imbombovu vy’izahabu n’ifeza, ivyo se Nebukadineza yari yaranyaze mu rusengero rw’i Yerusalemu, kugira ng’ umwami n’abaganwa biwe n’abamikazi biwe n’incoreke ziwe z’intoni babinyweremwo. Faic an caibideil |
Bati Mbere n’ibikoreshwa vy’izahabu n’ifeza vyahora mur’ iyo ngoro y’Imana, ivyo Nebukadineza yari yarasahuye muri yo, ari rwo rusengero rwahora hano i Yerusalemu, akabijana mu rusengero rw’i Babuloni, bat’ Umwami Kuro abikūra mur’ urwo rusengero rw’i Babuloni nyene, bishikirizwa umuntu yitwa Sheshibazari, uwo yari yaragize icēgēra ciwe.
ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.