Daniyeli 5:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)19 Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye. Faic an caibideil |
Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.