Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 5:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 5:19
22 Iomraidhean Croise  

Amuyāgīsha neza, yubahiriza intebe yiwe kuyirutisha iz’ abandi bami bāri kuri we i Babuloni.


Uburake bg’umwami ni nk’ intumwa zo kugeseza, Arik’ umuntu w’umunyabgenge arabuhwamika.


Ntukihute kuva imbere yiwe; ntukibande ku kintu kibi: kuko we akora ic’ agomba cose.


nuko rero nzokigabura mu kuboko kw’umuhizi wo mu mahanga; azokigira ukw agomba; nacirukanye ngihōye ivyaha vyaco.


Amaze kujana izo ngabo kw inyagano, azokwikakisha mu mutima; ariko nah’ azoba ahindikiranije ingabo ibihumbi n’ibihumbi, ntazoba anesheje rwose;


Arik’ ūzoba amuteye azogira nk’uko yigombeye, kandi nta wuzomuhagarara mu ruhanga; nukw azohagarara mu gihugu c’ubgiza, ukuboko kwiwe kurimwo kugeseza.


Maz’ umwami ahambaye azohaguruka, azoganzisha ububasha bginshi, akore uko yigombeye.


Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika.


Ni co gitumye nshinga icagezwe, yuk’ umuntu wese wo mu bgoko bgose cank’ ihanga canke wo mu bavuga indimi zitari zimwe, azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azohimbagurwa, kand’ urugo rwiwe ruzosigara ar’ itongo; kukw ata yindi mana iriho ishobora gukiza ben’ ubu buryo.


Umusiguzi asemerera n’ijwi rirenga, ati Yemwe moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe, ngibi ivyo mugezwe:


arik’ umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, mur’ ako kanya aca atererwa mw itanure ry’umuriro uhinda.


Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.


Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.


ico giti ni wewe, mugenzi; warakuze, urakomera, kuk’ ubukuru bgawe bgakuze bugashika kw ijuru, n’inganji yawe igashika ku mpera y’isi.


Kand’ ikindi, abo bantu n’imborerwa, n’abantu bihayagiza, bataragama i wabo; baromoye nk’i kuzimu, bameze nk’urupfu, ntibahāga; ariko biyegeranirizakw amahanga yose, bakikumakumirakw amoko yose.


Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.


Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana.


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan