Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 5:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Daniyeli yishura umwami, at’ Ingabire zawe n’uzigumirize, kand’ impēra zawe uzihe uwundi. Ariko ndasomera umwami iyo nyandiko, ndamumenyeshe ukw isobanurwa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 5:17
8 Iomraidhean Croise  

yuko ntazogira ikintu na kimwe co mu vyawe ntwara, naho koba akanyuzi cank’ akagozi k’inkweto, kugira ngo ntuz’ uvuge, uti Ni jewe natungishije Aburamu.


Elisa abarira umwami w’Abisirayeli, ati Dusangiye iki nawe? Genda usiguze ba kamenyi ba so na ba kamenyi ba nyoko! Umwami w’Abisirayeli aramwishura, at’ Oyaye, kuk’ Uhoraho yadukoranije tur’ abami batatu ngw atugabure mu maboko y’ Abanyamowabu.


Elisa aramwishura, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, uwo nsavye, nta kintu na kimwe nshobora kwābīra. Aramugōbēra ngw avyābīre, arikw aranka.


Aramubarira, ati Mbeg’ ugira ng’ umutima wanje ntiwajanye nawe, igihe wa mugabo yava mu mukogote wiwe agahindukira ngo muhūre? Mbeg’ iki n’igihe co kwākīra amahera n’imyambaro, n’imirima y’imyelayo n’iy’ imizabibu, n’intama n’ inka, n’abagurano n’abaguranokazi?


Nzovugira imbere y’abami ivyo wihanikirije, Simmāramāre.


Ariko ni mwadondōra izo nzozi n’ingene zisobanurwa, nzobagabira, mbatasure, mbahe icubahiro cinshi: nuko rero ni mundondōrere izo nzozi n’ingene zisobanurwa.


Maze Belushaza agera ko bambika Daniyeli impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kandi ko bamamaza kw azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Petero aramubgira, at’ Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuk’ ugira ngw ingabire y’Imana woyironkesha amahera.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan