Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 5:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ariko numvise weho k’ushobora gusobanura ibintu, kandi k’uri gasobanuzi k’ibisobanye: nuko rero ni washobora kunsomera iyo nyandiko, no kummenyesha ukw isobanurwa, urambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kand’ uzoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 5:16
9 Iomraidhean Croise  

Baramwishura, bati N’uko twarose inzozi, kand’ akaba ata wushobora kuzidusobanurira. Yosefu arabishura, ati Mbeg’ Imana si yo Nyene gusobanura? Enda ni muzindotorere.


Farawo abarira Yosefu, ati Narose inzozi, none nta wushobora kuzinsobanurira: maze numvise bavuga ko wewe, bakurotorera inzozi gusa, ugashobora kuzisobanura.


Nuko Farawo aca yiyambura impeta irikw ikimenyetso, yo ku rutoke rwiwe, ayambika Yosefu ku rutoke, amwambika impuzu zera nziza, amwambika n’umugufu w’izahabu mw izosi,


Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni.


Ariko ni mwadondōra izo nzozi n’ingene zisobanurwa, nzobagabira, mbatasure, mbahe icubahiro cinshi: nuko rero ni mundondōrere izo nzozi n’ingene zisobanurwa.


Maze Belushaza agera ko bambika Daniyeli impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kandi ko bamamaza kw azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Kand’ ashira hejuru yabo abakuru batatu bo kubaganza, umwe muri bo yari Daniyeli; kwar’ ukugira ngw abo baganwa babashikirize ivyo bātoje, ng’ umwami ntagire ico ahomba.


Ariko Simoni, abonye yukw abarambitswekw ibiganza vy’intumwa bahabga Mpwemu Yera, azizanira amahera,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan