14 Numvise bakuvuga ngw impwemu z’imana ziri muri wewe, kandi ng’ umuco no gutahura n’ubgenge bg’agahebuza bikubonekamwo.
Farawo abarira Yosefu, ati Narose inzozi, none nta wushobora kuzinsobanurira: maze numvise bavuga ko wewe, bakurotorera inzozi gusa, ugashobora kuzisobanura.
Farawo abaza abo bishikira biwe, ati Twobona hehe umuntu ameze nk’ uyu, arimw’ impwemu y’Imana?
ni yo ihishura ivy’ amabanga y’iyo bihera; ni yo izi ibiri mu mwiza, kand’ umuco ubana na yo.
Arik’ ubuheruka hinjira Daniyeli, ari we Beluteshaza nk’uko yitiriwe izina ry’imana yanje, ni we arimw’ impwemu z’imana zera; ndamurotorera inzozi zanje,
Nuko Daniyeli bamurengukana imbere y’umwami. Umwami abaza Daniyeli, ati Mbega ni wewe Daniyeli wo mu banyagano b’Abayuda, umwami data yanyaze i Buyuda?
Kandi bari bamaze kunzanira abanyabgenge b’abapfumu kugira ngo bansomere iyo nyandiko, bammenyeshe ukw isobanurwa; ariko ntibashoboye kuvuga uko bisobanurwa.
Maze Daniyeli aba agakomeye kuruta abandi bakuru n’abaganwa, kuko yarimw’ ubgenge bg’agahebuza; mber’ umwami yiyumvira kumwegurira kuganza igihugu cose.