13 Nuko Daniyeli bamurengukana imbere y’umwami. Umwami abaza Daniyeli, ati Mbega ni wewe Daniyeli wo mu banyagano b’Abayuda, umwami data yanyaze i Buyuda?
Nukw abavuye mu kinyago babigenza bartyo. Maze Ezira umuherezi na bamwe bo mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza, baratorwa, nk’ukw amazu yabo ari, bose bahamagarwa mu mazina yabo; nuko ku musi wa mbere w’ ukwezi kw’icumi baricara barabisuzuma.
kuko mu gihugu cawe har’ umuntu arimw’ impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubgenge buhwanye n’ubgenge bg’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so yakuvyaye, yamugize umukuru w’abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi;
Baca bishura umwami, bat’ Ariko Daniyeli we wo mu banyagano b’Abayuda, ntaruha akubara, mugenzi, canke ca cihanikirizo wasinyeko, arikw asenga gatatu‐gatatu ku musi.