Ku musi ugira gatatu, ari wo musi wo kwibuka ukuvuka kwa Farawo, atumirira amazimano abamenyekana biwe bose; araheza abohora wa mukevyi mukuru na wa musukūzi mukuru hagati y’abo bamenyekana.
mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma atumirira amazimano abaganwa biwe bose n’abamenyekana biwe; abahambaye b’i Buperesi n’i Bumedi, na ba segaba n’abaganwa b’ibihugu bakoranira imbere yiwe.