Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umwami Belushaza arondeza amazimano menshi, atumira abaganwa biwe igihumbi, na we yuhira igiturire ar’ imbere yabo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 5:1
11 Iomraidhean Croise  

Ku musi ugira gatatu, ari wo musi wo kwibuka ukuvuka kwa Farawo, atumirira amazimano abamenyekana biwe bose; araheza abohora wa mukevyi mukuru na wa musukūzi mukuru hagati y’abo bamenyekana.


mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma atumirira amazimano abaganwa biwe bose n’abamenyekana biwe; abahambaye b’i Buperesi n’i Bumedi, na ba segaba n’abaganwa b’ibihugu bakoranira imbere yiwe.


Kur’ uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha inkomvorera no gukenyera amagunira:


Maz’ Uhoraho Nyen’ ingabo yihishurira mu matwi yanje, arambgira, ati N’ukuri, ivyo bigabitanyo ntimuzopfa muvyogejwe ngo bibaveko, ni k’Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Inkota iri ku Bakaludaya, ni k’Uhoraho agize, no ku baba i Babuloni, no ku baganwa baho, no ku banyabgenge baho.


Bamaze kuborerwa nzobategurira amazimano, kandi nzobaboreza kugira ngo banezerwe, basinzire itiro ry’intashira, batazokwikangura ukundi, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kandi nzoboreza abaganwa baho n’abanyabgenge baho, bo n’abagabisha baho, n’abahaganza n’abahizi baho; bazosinzira itiro ry’intashira, ntibikangure ukundi, ni jewe Umwami mbivuze, izina ryanje nd’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Maze mur’ iryo joro nyene Belushaza umwami w’i Bukaludaya aricwa.


Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan