Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 nti Yewe Beluteshaza, umukuru w’abanyamarēba, ko nzi kw impwemu z’imana zera ziba muri wewe, kandi kw ata banga rikunanira, enda mbarira ivyo neretswe mu nzozi zanje ivy’ ari vyo, n’uko bisobanurwa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:9
18 Iomraidhean Croise  

Farawo abaza abo bishikira biwe, ati Twobona hehe umuntu ameze nk’ uyu, arimw’ impwemu y’Imana?


Umutima wawe uzokwibuka ivyatera ubgoba; ukībaza, ut’ Uwaca ibitigiri vy’ ingorore ari hehe? Uwazākīra akarāba ko zishitse ari hehe? Uwaharūra iminara ari hehe?


Uzoshikamishwa n’ukugororoka; uguhahazwa kuzokuba kure, nta co uzotinya; bo n’ibitera ubgoba, kuko bitazokwēgēra.


ku musozi muremure w’i Bgisirayeli ni ho nzogatera; na ko kazoshamika amashami, kame imbuto, kabe igiti c’isederi ciza; kand’ inyoni n’ ibisīga vyose vy’amoko yose bizokwibera musi yaco; mu gitūtu c’amashami yaco ni ho bizoba.


ni ko ga! Urusha Daniyeli ubgenge, nta gihishijwe uyoberwa!


Mw ijambo ryose ry’ubgenge no kumenya, ico umwami yababaza, yasanga barusha abanyamarēba n’abapfumu bose bo mu gihugu ciwe cose ibihetangabo cumi.


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni.


Izo nzozi ni jewe umwami Nebukadineza nazirose; nuko rero Beluteshaza, enda vuga uko zisobanurwa, kw abanyabgenge bose bo mu gihugu canje badashoboye kummenyesha uko zisobanurwa; ariko weho urabishobora, kukw impwemu z’imana zera ziri muri wewe.


Ndota inzozi zintera ubgoba; ivyiyumviro nagize ndi ku kirwa, bo n’ivyo nerekewe mu mutwe bimpagarika umutima;


Arik’ ubuheruka hinjira Daniyeli, ari we Beluteshaza nk’uko yitiriwe izina ry’imana yanje, ni we arimw’ impwemu z’imana zera; ndamurotorera inzozi zanje,


kuko mu gihugu cawe har’ umuntu arimw’ impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubgenge buhwanye n’ubgenge bg’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so yakuvyaye, yamugize umukuru w’abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi;


Eka turapfuye! Ni nde yodukiza akadukūra mu maboko y’izo mana zihambaye? Izo ni za mana zāzaniye Abanyegiputa ivyago bitari bimwe mu bugaragwa.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan