Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Arik’ ubuheruka hinjira Daniyeli, ari we Beluteshaza nk’uko yitiriwe izina ry’imana yanje, ni we arimw’ impwemu z’imana zera; ndamurotorera inzozi zanje,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:8
14 Iomraidhean Croise  

Farawo abaza abo bishikira biwe, ati Twobona hehe umuntu ameze nk’ uyu, arimw’ impwemu y’Imana?


Beli irarundutse, Nebo irubamye; ibishushanyo vyazo biremētswe ingamiya n’inka; bimwe mwarerura mushogamanga bicitse umutwaro ugenda uravuna inka.


Maz’ abantu biwe bibuka ibihe vya kera n’ivya Mose, bat’ Uwabadūgananye n’umwungere w’intama ziwe abakūye mu kiyaga ari hehe? Uwashize Mpwemu wiwe yera hagati muri bo ari hehe?


Mubitāngāze mu mahanga, muvyamamaze, mushinge ibendera; muvyamamaze, ntimubihishe, mut’ I Babuloni haratsinzwe, ikigirwamana Beli kiratēterewe, Merodaki kiravunaguritse; ibishushanyo vyaho biratēterewe, ibigirwamana vyaho biravunaguritse.


ku musozi muremure w’i Bgisirayeli ni ho nzogatera; na ko kazoshamika amashami, kame imbuto, kabe igiti c’isederi ciza; kand’ inyoni n’ ibisīga vyose vy’amoko yose bizokwibera musi yaco; mu gitūtu c’amashami yaco ni ho bizoba.


Nuk’ uwo mukuru w’inkone abīta ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shaduraka, Mishayeli amwita Meshaki, Azariya amwita Abedunego.


Ico utugobererako kiragoye, kandi nta wundi ariho yoshobora kucerekana imbere yawe, mwami, atar’ imana, na zo ntizibana n’abafise umubiri.


Umwami abaza Daniyeli, ari we Beluteshaza, ati Mbeg’ urashobora kummenyesha inzozi narose, n’ingene zisobanurwa?


Nebukadineza atangura kubabaza, ati Mbega Shaduraka na Meshaki na Abedunego, mwabigize ibigirankana kudasaba imana zanje no kudasenga ico gishushanyo c’izahabu nahagaritse?


Izo nzozi ni jewe umwami Nebukadineza nazirose; nuko rero Beluteshaza, enda vuga uko zisobanurwa, kw abanyabgenge bose bo mu gihugu canje badashoboye kummenyesha uko zisobanurwa; ariko weho urabishobora, kukw impwemu z’imana zera ziri muri wewe.


nti Yewe Beluteshaza, umukuru w’abanyamarēba, ko nzi kw impwemu z’imana zera ziba muri wewe, kandi kw ata banga rikunanira, enda mbarira ivyo neretswe mu nzozi zanje ivy’ ari vyo, n’uko bisobanurwa.


Numvise bakuvuga ngw impwemu z’imana ziri muri wewe, kandi ng’ umuco no gutahura n’ubgenge bg’agahebuza bikubonekamwo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan