Daniyeli 4:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)7 Abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi bararenguka: mbarotorera izo nzozi, ariko ntibāmmenyesha uko zisobanurwa. Faic an caibideil |
Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.