Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi bararenguka: mbarotorera izo nzozi, ariko ntibāmmenyesha uko zisobanurwa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:7
16 Iomraidhean Croise  

iyo mihuruhumbi y’ibihumbirane iyongobeza ya mihuruhumbi myiza, ukw ari ndwi. Maze nzirotorera abanyamareba, ariko ntihagira ūshobora kuzinsobanurira.


Bukeye, ahagarika umutima, atuma guhamagaza abanyamareba bose bo muri Egiputa n’abanyabgenge baho bose: Farawo abarotorera inzozi ziwe: ariko ntihagira ūshobora kuzimusobanurira.


Nabonye umunyakibi afise ububasha buhambaye, Agasaye nk’igiti kiremvye kir’ aho cimejeje.


Indagu z’abanyabinyoma ndazihindura ubusa, abapfumu nkabatēza ibisazi, nsubiza inyuma abanyabgenge, ubgenge bgabo nkabuhindura ubupfu.


Ehe rāba, Umwashuri yari nk’igiti c’isederi c’i Lebanoni c’amashami meza, c’igitūtu kinini, kandi c’ inganzamarumpu, ubushorishori bgaco bgashika mu bicu.


b’imisore batagira agasembga, ariko b’indanga, bar’ uburyo mu vy’ubgenge bgose, b’abahanga mu vyo kumenya, b’insorongozi mu vy’ubgenge, kandi babereye gukora i bgami; kugira ngw abigishe inyandiko y’Abakaludaya n’ururimi rwabo.


Maz’ Abakaludaya bishura umwami, bati Mwami, nta muntu n’umwe wo kw isi yoshobora kukumenyesha iryo jambo; kukw ata mwami cank’ umuganwa cank’ umutware yigeze gusobanuza umunyamarēba n’umwe cank’ umupfumu cank’ Umukaludaya ben’ iryo jambo.


Daniyeli yishura umwami, at’ Ibanga wasobanuza nta banyabgenge boshobora kurikumenyesha mwami, cank’ abapfumu cank’ abanyamarēba cank’ abamenyi;


Bamwishura ubugira kabiri, bati Mwami n’uturotorere izo nzozi, twebge abasavyi bawe, natwe duheze tukumenyeshe uko zisobanurwa.


Maz’ uwo mwanya Abakaludaya bamwe bīgira hafi barega Abayuda.


Izo nzozi ni jewe umwami Nebukadineza nazirose; nuko rero Beluteshaza, enda vuga uko zisobanurwa, kw abanyabgenge bose bo mu gihugu canje badashoboye kummenyesha uko zisobanurwa; ariko weho urabishobora, kukw impwemu z’imana zera ziri muri wewe.


Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Maz’ abanyabgenge bose b’umwami baca barinjira: ariko birabananira gusoma iyo nyandiko, no kumenyesha umwami ukw isobanurwa.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan