Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 kubg’ ivyo mpamagaza abanyabgenge bose b’i Babuloni, kugira ngo bammenyeshe izo nzozi uko zisobanurwa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:6
10 Iomraidhean Croise  

Farawo na we ahamagaza abanyabgenge n’abapfumu: abo ni bo banyamarēba bo muri Egiputa, na bo babigira bartyo, babikoresheje amarēba yabo.


Kandi ni bababgira, ngo Ni mubaze abahamagara imizimu, mubaze n’abamenyi bajwigira bongorera: mbeg’ ikibereye abantu ntibāri bakwiye kubaza Imana yabo? Mbeg’ ivy’ abariho vyobazwa abapfuye?


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Umwami aca ahamagaza abanyamarēba n’abapfumu n’abarozi n’Abakaludaya, ngo bamubarire inzozi ziwe. Nuko bararenguka, bahagarara imbere y’umwami.


Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni.


Arikw igishitsi ukirekerane n’imizi yaco mu kuzimu, ugihambirize ivyuma n’imiringa, gisigare mu vyatsi bitoto vyo ku musozi; kandi kize gitondweko n’urume ruva mu kirēre, kirishanye n’ibikōko ivyatsi bimeze kw isi;


kuko mu gihugu cawe har’ umuntu arimw’ impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubgenge buhwanye n’ubgenge bg’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so yakuvyaye, yamugize umukuru w’abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi;


Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan