Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Jewe Nebukadineza nari ngaho ngazagaza mu nzu yanje, ndibamye mu nzu y’ubgami.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:4
13 Iomraidhean Croise  

Bati Ni muze mbazanire vino, twinywere inturire duhimbe. N’ejo na ho bizomera nk’uku, bizonarushiriza.


Mowabu hamye hidibamiye uhereye mu buto bgaho, hireretse ku mvūzo, ntihāsukanuwe ngo have mu mubindi haje mu wundi, ntihājanywe kw inyagano; ni co gituma uburyohe bgaho bukiri muri ho, n’ubumote bgaho ntibutītūke.


Ubgiza bgawe ni bgo bgateye umutima wawe kwishira hejuru, igitinyiro cawe ni co cononnye ubgenge bgawe; ngutsinze hasi, nkurambitse imbere y’abami ng’ubabere akabarore.


uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe nzohigūra nawe, ewe Farawo mwami wa Egiputa, wa ngona ihambaye, yigaramangira hagati y’inzūzi zayo, wagize ng’ Uruzi rwawe n’urwawe bgite, kandi ngo Ni wewe warwiremeye ubgawe.


Ico utugobererako kiragoye, kandi nta wundi ariho yoshobora kucerekana imbere yawe, mwami, atar’ imana, na zo ntizibana n’abafise umubiri.


Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.


Maz’ abanyabgenge bose b’umwami baca barinjira: ariko birabananira gusoma iyo nyandiko, no kumenyesha umwami ukw isobanurwa.


Maz’ ico gihe, muri Yerusalemu nzohaseranguza imuri, mpane abantu bīrāye nka vino yireretse ku mvūzo, bibgira mu mitima yabo, bat’ Ari ciza ari kibi, Uhoraho nta co azokora.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan