Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:37 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:37
31 Iomraidhean Croise  

Kandi n’ivy’ isengesho ryiwe, n’ ingene yemerewe, n’ivy’ ivyaha vyiwe vyose n’ugucumura kwiwe, n’ivy’ ahantu hose yatavye ibitabo, akahashinga inkingi za Ashera n’ibishushanyo bibājwe, ataricisha bugufi, ivyo vyanditswe mu majambo ya Hozayi.


Nuk’ umwami abgira Hamani, ati Bandanya wābīre imyambaro n’ifarasi nk’uk’ uvuze, ubikore urtyo kuri Moridekayi Umuyuda, yama yicara ku kirimba i bgami: ntihagire na kimwe uhaza mu vyo uvuze vyose.


Uhoraho, ndazi yukw imanza zawe ar’ izigororotse, Kandi yuko kuba umunyakuri ari kwo kwaguteye kumbabaza.


Inkomezi z’umwami n’ugukunda imanza zibereye; Ni wewe ushinga ibiroranye. Imanza zibereye n’izigororotse ni wewe ubikorera mu ba Yakobo.


Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako.


ibikere bizodūga binyagare kuri wewe no ku bantu bawe no ku banyarugo bawe bose.


Uhoraho Nyen’ ingabo ni we yabigabiye, kugira ngw akengereze ubgibone bg’ icubahiro cose, kandi ngw agayishe abanyacubahiro bose bo mw isi.


arik’ Uhoraho Nyen’ ingabo azoba ashizwe hejuru n’imanza ziroranye, kand’ Imana Yera izokwerekanisha ukwera kwayo ubugororotsi.


Ni muhamagare abarashi bakoranire kurwanya Babuloni, abazi gufora imiheto bose; musagaze hirya no hino yaho; ntihagire uwaho acika: muhīhōre ibikwiranye n’ibikorwa vyaho, muhasubirize mu nkōko ibikwiranye n’ivyo hākoze; kuko hinantaje k’Uhoraho, k’Uwera w’ Abisirayeli.


Murumunawe Sodomu ntiwarushe umucisha no mu kanwa mu gihe c’ubgibone bgawe,


kugira ng’ ubone kwibuka, utētērwe, ntukūreko n’umunwa, kubg’ isoni uzoba ufise, ni naheza kuguharira ivyo wakoze vyose, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kandi nk’uko bāgeze kw igishitsi n’imizi vy’ico giti birekerwaho, ni k’ubgami bgawe buzogumaho ar’ ubgawe, gushitsa umaze kumenya kw ijuru ari ryo riganza.


Es’ ukuntu ibimenyetso vyayo ar’ ibikomeye, n’ibitangaza vyayo ar’ ibihambaye! Ubgami bgayo n’ ubgami butazoshira, kand’ ingoma yayo izohangama ukw ibihe bikūranwa.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


banywa ibiturire, bahimbaza imana z’izahabu n’iz’ ifeza n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye.


Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.


Imana Rurema, yaremye isi n’ibirimwo vyose, iyo, kukw ari yo Mwami w’ijuru n’isi, ntiba mu nsengero zubatswe n’amaboko,


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.


Ntimukongere kuvuga ivy’ ubgibone murtyo, Ivy’ amanyama ntibigaturuke mu kanwa kanyu; Kuk’ Uhoraho ar’ Imana izi vyose, Ni yo igera ibikorwa vy’abantu nko ku munzane.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan