Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:34
57 Iomraidhean Croise  

Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: Ni we nkinzo ikīngīra abamuhungirako bose.


Ni co catumye Dawidi ashimira Uhoraho imbere y’ikoraniro ryose, akavuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya sogokuruza wacu Isirayeli, ur’ uwo guhimbazwa ibihe bitazoshira.


None rero, Mana yacu, turagukengurukiye, duhimbaje izina ryawe ry’icubahiro.


ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.


Uhoraho ni we Mwami ibihe bitazoshira, Abanyamahanga bārandukiye mu gihugu ciwe.


Ndavuga, nti Mana yanje, ntunkūreho ngicagatije imisi yanje; Imyaka yawe yamah’ ibihe vyose.


Abo ni bashimire Uhoraho ukugira neza kwiwe, N’ibikorwa bitangaje yakoreye abana b’abantu!


Ni batange ibimazi vyo gukenguruka, Bakwize ibikorwa vyiwe mu kuvuza impundu.


Abo ni bashimire Uhoraho ukugira neza kwiwe, N’ibikorwa bitangaje yakoreye abana b’abantu!


Abo ni bashimire Uhoraho ukugira neza kwiwe, N’ibikorwa bitangaje yakoreye abana b’abantu!


Ibikorwa vy’intoke ziwe n’ ukuri no kuroranya; Amabgirizwa yiwe yose arahamye.


Ndunamurira amaso yanje ku misozi: Ugutabarwa kwanje kuzova hehe?


Kuri wewe ni ho nunamurira amaso, Wewe uvyagiye mw ijuru.


Ubgami bgawe n’ubgami bg’ ibihe bidashira, Ubugabe bgawe buzohangama uk’ urunganwe ruzogenda rukurikira urundi.


Uhoraho azohora ahangamye uk’ urunganwe ruzogenda rukurikira urundi, Imana yawe, Siyoni, izohora ihangamye ibihe vyose. Haleluya!


Uz’ ushikanire Imana ikimazi co gukenguruka; Īsumba vyose uyishitsekw amasezerano yawe.


Iganzisha ubushobozi bgayo ibihe bidashira; Inyonga zayo zitegereza amahanga: Abagarariji ntibishire hejuru. Sela.


Nzoshima Uhoraho nk’uko bibereye ukugororoka kwiwe, Nzoririmba ntazira izina ry’ Uhoraho asumba vyose.


Ndakunezererwa, nkiginagura; Ndaririmba ishimwe ry’izina ryawe, wewe Usumba vyose.


Ni vyiza gushima Uhoraho, No kuririmbira izina ryawe ishimwe, ewe Usumba vyose:


Kandi nzohana ab’ isi kubg’ ibibi vyabo, n’abanyakibi kubg’ ukugabitanya kwabo; nzomara amanyama abibone, n’ ukwishira hejuru kw’abantu b’ agaterabgoba nzogusubiza hasi.


Kurābana agakēngērwe kw’abantu kuzocishwa bugufi, n’ubgibone bg’abahambaye buzosubizwa hasi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi.


Nuko ni muhimbarize Uhoraho i burasirazuba, muhimbarize izina ry’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, mu bizinga vyo mu kiyaga.


Arik’ Uhoraho ni we Mana y’ukuri; ni we Mana nzima, n’Umwami yamaho ibihe bidashira: uburake bgiwe buhindisha isi agashitsi, kand’ amahanga ntashobora kwihanganira ubushangashirwe bgiwe.


Mbega mu kanwa k’Īsumba vyose ntihavamw’ ivyago n’ivyiza?


Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Mbonye kw ari vyiza guserura ibimenyetso n’ibitangaza Imana isumba vyose yankoreye.


Kandi nk’uko bāgeze kw igishitsi n’imizi vy’ico giti birekerwaho, ni k’ubgami bgawe buzogumaho ar’ ubgawe, gushitsa umaze kumenya kw ijuru ari ryo riganza.


Es’ ukuntu ibimenyetso vyayo ar’ ibikomeye, n’ibitangaza vyayo ar’ ibihambaye! Ubgami bgayo n’ ubgami butazoshira, kand’ ingoma yayo izohangama ukw ibihe bikūranwa.


Urirukanywe mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba; uzorisha nk’inka, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Nuk’ uwo mwanya ubgenge bganje buragaruka, ubgiza bg’ubgami bganje n’igitinyiro canje, n’ugukayangana kw’ ivy’ icubahiro canje bingarukako. Maz’ abajanama banje n’abaganwa banje bansubizak’ umutima; ndaheza ntsimbatazwa mu bgami bganje, nongerwa ububasha buhambaye.


Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.


Nuko yirukanwa mu bantu, umutima wiwe uhindurwa nk’uw’ ibikōko, aba hamwe n’indogoba z’inyeshamba, arisha nk’inka, kand’ umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre; gushitsa aho yamenyeye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabgimikamw’ uwo igomba wese.


Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.


Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.


Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire.


Ni co catumye Uhoraho ashira umutima kur’ ivyo vyago, akabiduteza; kuk’ Uhoraho Imana yacu ari yo igororoka mu bikorwa vyayo vyose ikora; ariko twebge ntitwumviye ijwi ryayo.


Ni co catumye batakambira Uhoraho, bati Turakwinginze, ewe Uhoraho, twoye gupfa tuzira ubugingo bg’uyu muntu, kandi ntuduharūrekw amaraso y’ūdafise igicumuro, kuko wewe, Uhoraho, ukoze ico ugomvye.


kand’ abacumbagira nzobasigazaho babe amasigarira, n’abari baraciwe mbahindure ihanga rikomeye; maze jewe Uhoraho nzobaganza ndi ku murwa Siyoni, uhereye aho ugashitsa ibihe bidashira.


ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo.


Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arābe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’ umunyavyaha.


Nk’uko Se ari n’ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubugingo muri we na we.


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n’icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amen.


ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utēgērwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen.


arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yaremye ijuru n’ibirimwo, n’isi n’ibirimwo, n’ikiyaga n’ibirimwo, ati Ntibigitevye:


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,


Kand’ iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Ivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan