Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Maz’ ako kanya iryo jambo riba kuri Nebukadineza: yirukanwa mu bantu, asigara arisha nk’inka, umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre, gushitsa ah’ umushatsi wiwe wabereye ikigunda nk’amoya y’inkukuma, n’inzāra ziwe zihinduka nk’iz’ ibisīga.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:33
7 Iomraidhean Croise  

Ukwihaya kw’abanyakibi kumara igihe gito, No kunezerwa kw’abatubaha Imana ar’ ukw’ akanya isase?


Kand’ azorusāvya nk’ukw ikibumbano gisāba, iyo bakijanjanze ata kibabarwe; mu tunywenywe twaco ntihasigare n’akajo korahura umuriro mu ziko, canke kodaha utuzi mw ivomo.


ng’ Uzokwirukanwa mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba, uzorisha nk’inka, uzotondwako n’urume ruva mu kirēre, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’ abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Urirukanywe mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba; uzorisha nk’inka, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Nuko yirukanwa mu bantu, umutima wiwe uhindurwa nk’uw’ ibikōko, aba hamwe n’indogoba z’inyeshamba, arisha nk’inka, kand’ umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre; gushitsa aho yamenyeye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabgimikamw’ uwo igomba wese.


Buno nyene haboneka intoke z’umuntu zandika ku gihome c’igisika mu ngoro y’umwami, ahahanganye n’igiteretswekw amatara; umwami abona ico gihimba c’igikonjo candika.


Kuk’ ubganyu muzi neza yuk’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’ukw igisuma kiza mw ijoro.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan