Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Iryo jambo umwami akirikūra mu kanwa, haza ijwi rivuye mw ijuru, riti Yewe mwami Nebukadineza, ni wewe ubarirwa; ubgami ubukūwemwo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:31
25 Iomraidhean Croise  

Kandi Melekisedeki umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana Isumba vyose, azana imitsima na vino.


Igihe agira ahāze inda yiwe, Imana izomusukak’ uburake bgayo bg’inkazi, Izobumucuncuburirako akirikw ararya.


Ubgami bgawe n’ubgami bg’ ibihe bidashira, Ubugabe bgawe buzohangama uk’ urunganwe ruzogenda rukurikira urundi.


Ubgibone bg’umuntu buzomusubiza hasi, Arik’ uw’ umutima uciye bugufi azoronka icubahiro.


Uhoraho Nyen’ ingabo kw ari we yabigabiye, ni nde yobihindura? Kand’ ukuboko kwiwe ko kubānguye, ni nde yogupfunya?


Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize.


nuko, uku ni ko bisobanurwa, mugenzi, kandi n’ icagezwe c’Īsumba vyose kigushitseko, mwami wanje nyen’ ingoma:


Kandi nk’uko bāgeze kw igishitsi n’imizi vy’ico giti birekerwaho, ni k’ubgami bgawe buzogumaho ar’ ubgawe, gushitsa umaze kumenya kw ijuru ari ryo riganza.


Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?


Urirukanywe mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba; uzorisha nk’inka, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Ariko yishize hejuru, yikomantaje umutima bimuteye gukoresha ubugabo, ataramurwa ku ngoma, kandi bamwāka icubahiro ciwe.


Peres, risobanurwa ng’ Ubgami bgawe buragabanganywe, buhawe Abamedi n’ Abaperesi.


Ni yo irokora igakiza, ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw ijuru no mw isi, kandi ni yo yakūye Daniyeli mu menyo y’intambge.


Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.


Maz’ Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’ iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde?


Data, shimagiza izina ryawe. Maz’ ijwi riva mw ijuru, riti Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.


Ariko noneh’ ubgami bgawe ntibuzohangama; Uhoraho aramaze kwironderera umuntu ameze nk’uk’ umutima wiwe ugomba; kandi ni we Uhoraho yashinze ngw az’ abe segaba w’abantu biwe, kuk’ utumviye ic’ Uhoraho yakugeze.


Kuk’ ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba ku ngoma.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan