Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kandi mwami, nk’uko wabonye umushibamyi kandi yar’ uwera amanuka ava mw ijuru, ati Ni wīcire ico giti ugicagagure, arikw igishitsi ukirekerane n’imizi yaco mu kuzimu, ugihambirize ivyuma n’ imiringa, gisigare mu vyatsi bitoto vyo ku musozi, kize gitondweko n’urume ruva mu kirēre, kirishanye n’ibikōko vyo mw ishamba, gushitsa ibihe ndwi bigikūranirwako:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:23
4 Iomraidhean Croise  

Kandi nk’uko bāgeze kw igishitsi n’imizi vy’ico giti birekerwaho, ni k’ubgami bgawe buzogumaho ar’ ubgawe, gushitsa umaze kumenya kw ijuru ari ryo riganza.


Nuko yirukanwa mu bantu, umutima wiwe uhindurwa nk’uw’ ibikōko, aba hamwe n’indogoba z’inyeshamba, arisha nk’inka, kand’ umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre; gushitsa aho yamenyeye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabgimikamw’ uwo igomba wese.


Maze numva uwera avuga; kand’ uwundi mu bera abaza umwe yabanje kuvuga, ati Bizogeza ryari ivyerekanywe vy’ikimazi cahora gitangwa, n’ivy’ igicumuro kizanye ubugesera, gitumye ahantu hēra n’ingabo bitangwa bigasiribangwa?


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan