20 Ico giti wabonye gikura kigakomera, ubushorishori bgaco bugashika kw ijuru, kikabonwa n’abo ku mpera y’isi yose,
Natumye amahanga ashirwa mu gatengo no kwumva ugusenyerana kwaco, igihe nagishiburira i kuzimu hamwe n’abamanuka baja muri rwa rwobo; maz’ ibiti vyose vyo muri Edeni, n’ivyateretswe bisumba ibindi ubgiza vy’i Lebanoni, mber’ ibitungwa n’amazi vyose, bimarirwa umubabaro aho bir’ i kuzimu.
Ehe rāba, Umwashuri yari nk’igiti c’isederi c’i Lebanoni c’amashami meza, c’igitūtu kinini, kandi c’ inganzamarumpu, ubushorishori bgaco bgashika mu bicu.
kand’ ibibabi vyaco vyari vyiza, kikaba cari gitengengeye ibiribga vyinshi, kandi kikabakw ivyo guhāza ibiriho vyose, kand’ ibikōko vyo mw ishamba bikugama musi yaco, ibiguruka mu kirēre bikārika mu mashami yaco;