Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mbonye kw ari vyiza guserura ibimenyetso n’ibitangaza Imana isumba vyose yankoreye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:2
19 Iomraidhean Croise  

Na ho nyene unkangisha inzozi, Ukanca ivutu mu vyo neretswe;


Unkize umwenda w’amaraso y’umuntu, Mana, we Mana y’agakiza kanje; Ni ho ururimi rwanje ruzorenza ijwi ruririmba ukugororoka kwawe.


Ugendera isi, ukayirekurira imvura, Uyitungisha cane; Uruzi rw’Imana rwuzuye amazi; Ni wewe wereza abantu impeke, umaze kuhatunganya urtyo.


Yemwe abubaha Imana mwese, ni muze mwumve, Nanje mvuge ivyo yagiriye ubugingo bganje.


Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; Ntarabarira ab’ igihe kizoza amaboko yawe, Ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe.


Mu mwaka ugira kabiri Nebukadineza ari ku ngoma, yarose inzozi; nukw ahagarika umutima, itiro ryiwe riraguruka.


Maze Nebukadineza yīgira ku muryango w’iryo tanure ry’umuriro uhinda, ashira ijwi hejuru, ati Yemwe Shaduraka na Meshaki na Abedunego, mwa basavyi b’Imana isumba vyose, ni musohoke, muze hano. Nuko Shaduraka na Meshaki na Abedunego baca barasohoka bava hagati mu muriro.


Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.


nuko, uku ni ko bisobanurwa, mugenzi, kandi n’ icagezwe c’Īsumba vyose kigushitseko, mwami wanje nyen’ ingoma:


ng’ Uzokwirukanwa mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba, uzorisha nk’inka, uzotondwako n’urume ruva mu kirēre, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’ abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.


Ni yo irokora igakiza, ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw ijuru no mw isi, kandi ni yo yakūye Daniyeli mu menyo y’intambge.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Yesu aramubgira, at’ Iyo mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza nta ho mwizera na mba.


Maze Yosuwa abarira Akani, ati Mwana wanje, enda ni wubahe Uhoraho Imana y’Abisirayeli, uyishire hejuru; mbarira ico wakoze, ntumpishe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan