Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:19
27 Iomraidhean Croise  

Rakeli abgira se, ati Ntungirire umwikomo ko ntaguhagurukiye, nyakwubahwa, n’uke ndi mu mihango y’abagore. Nukw arasaka, ariko ntiyabona vya bigirwamana.


uheze umwishure, uti N’ivy’ umusavyi wawe Yakobo, n’indamukanyo akurungikiye, databuja Esau; uti Kandi na we nyene ar’ inyuma yacu.


Yosefu aramubarira, at’ Uku ni ko zisobanurwa: ayo mashami atatu n’imisi itatu;


Maze Obadiya ari mu nzira, agira artya abona Eliya aza iy’ ari; aramumenya, akubita inkoro hasi, aramubaza, ati Mbega ni wewe ga mugenzi?


Es’ icompa ukabaharira icaha cabo! Na ho bidashobotse, jewe upfume usibanganya izina ryanje mu gitabo cawe wanditse.


Mwifurize amahoro igisagara, ico natumye mwambukanirwamwo, mugisengere Uhoraho: kuko kibaye amahoro namwe muzoba amahoro.


Amara yanje, amara yanje aradobangana! Nseserewe mu mutima wanje; umutima wanje umpagazemwo, sinshobora kwiyumanganya; ewe mutima wanje, ni kuko wumvise ijwi ry’inzamba, n’akarūru k’intambara!


Nuk’ uwo mukuru w’inkone abīta ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shaduraka, Mishayeli amwita Meshaki, Azariya amwita Abedunego.


Umwami abaza Daniyeli, ari we Beluteshaza, ati Mbeg’ urashobora kummenyesha inzozi narose, n’ingene zisobanurwa?


Nuko mugenzi, wewe ur’ umwami aganza abami; Imana yo mw ijuru yaguhaye ubgami n’ububasha n’inganji n’icubahiro;


nuko, uku ni ko bisobanurwa, mugenzi, kandi n’ icagezwe c’Īsumba vyose kigushitseko, mwami wanje nyen’ ingoma:


kuko mur’ uwo muntu Daniyeli uwo umwami yise Beluteshaza, hābonetsemw’ ubgenge bg’agahebuza no kumenya no gutahura no gusobanura inzozi no kumenya amajambo ahiritswe, yabaye gasobanuzi k’ibisobanye. Enda rero, ni bahamagare Daniyeli, na we aravuga uko bisobanurwa.


Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.


Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.


Maze jewe Daniyeli, umutima untunturiramwo, uhagarikwa n’ ivyo nabonye nerekewe mu mutwe.


Ayo majambo agarukiye aho. Ariko jewe Daniyeli ivyiyumviro vyanje bimpagarika umutima, mu maso hanje harahindurira; arikw ayo majambo ndayabīka mu mutima wanje.


Maze jewe Daniyeli nca ncika intege, mmara imisi ndwaye. Hanyuma mva hasi, nkora ibikorwa vy’umwami; ntangazwa n’ivyo neretswe, kandi nta wobitahura.


Imisozi yarakubonye, irasambagirika; Amazi arahondogana: I bgina humvikanisha ijwi ryaho, Hatarika amaboko yaho.


Ariko Hana aramwishura, at’ Oyaye mwami wanje, nd’ umuntu yabonye amahano! Nta vino nanyoye cank’ ikindi kiboreza, ariko nariko ndasuka amajojwa yanje imbere y’Uhoraho.


Hanyuma Dawidi na we ava hasi, ava mur’ iryo senga nyene, ahamagara Sauli, at’ Urazirikanye, mugenzi! Sauli akebutse, Dawidi akubita inkoro hasi, aramwūnamira.


Dawidi abarira Abuneri, ati Mbega ntur’ umuntu w’umugabo? Har’ ūhwanye nawe mu Bisirayeli? None se k’utāteramiye umwami shobuja? Hari haje umuntu aho muri, aje kwica umwami, kand’ ari we shobuja.


Aramubaza, ati Bga bundi yakubariye iki? Ntugire ico umpisha. Ni wagira ico umpisha mu vyo yakubariye vyose, Imana ibiguhanire, mbere birushirije.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan