Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:17
30 Iomraidhean Croise  

Nta wundi yigeze kwīgira umugurano wo gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi nka Ahabu, yavyohejwe n’umwamikazi wiwe Yezebeli.


Maz’ uwo mwami Ahazi nyene, igihe aburaniwe arushiriza kuja imbere gucumura k’ Uhoraho,


Uhoraho yahamangiye intebe yiwe mw ijuru: Ubgami bgiwe buganza vyose.


Abanyakibi bayerera impande zose, Iyo hashizwe hejuru abantu b’imburakimazi mu bana b’abantu.


Uhoraho yimenyekanishije, yarashikije imanza: Ategesha umunyakibi ibikorwa vy’intoke ziwe nk’ umutego. Higayoni. Sela.


ut’ Ariko, icatumye aba arakuretse, n’ukugira ngo akwereke ubushobozi bgiwe, kandi ngw izina ryiwe ryāmāmare mw isi yose.


Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe.


Numva ijwi ry’Umwami Imana rivuga, riti Ndatuma nde, ni nde yotugīra? Maze ndavuga, nti Ndi hano, ba ari jewe utuma.


Nzobīhōra bihambaye, mbahanane ubushangashirwe; maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzoba mbīhōye.


Ni co gituma ngira nshikimure ihanga rirushije ayandi kuba ribi, begukire amazu yabo; kandi nzotuma ubgibone bg’abahizi buherengetera; n’ahantu habo hēra hazohumanywa.


Bukeye mu gishingo ciwe hazovyuka umuntu w’inkēngērwa, atāhawe icubahiro c’ubgami; arikw azoza mu gihe c’impore, yironkeshereze ubgami ubuhemanyi.


ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;


Mbonye kw ari vyiza guserura ibimenyetso n’ibitangaza Imana isumba vyose yankoreye.


ng’ Uzokwirukanwa mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba, uzorisha nk’inka, uzotondwako n’urume ruva mu kirēre, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’ abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana.


kandi n’ivyoroshe vyo mw isi, n’ibikēngērwa, mbere n’ibitariho, Imana yarabitoranije ngw itītūre ibiriho:


Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana na Yesu Kristo n’imbere y’abamarayika bātoranijwe, witondere ivyo, ntuce urw’ umwe, ntukore ivyo guca urwa nkunzi.


Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.


Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan