Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 asemerera n’ijwi rirenga, ati Ni wīcire ico giti, ugikokore amashami, ugihungurure amababi, usābagize ivyo camye: ibikōko bikive musi, kandi n’ibiguruka bive mu mashami yaco.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:14
19 Iomraidhean Croise  

Inda yamuvyaye izomwibagira; inyo zizomurya ziryoherwe; Ntazokwongera kwibukwa ukundi: Ukugabitanya kuzovunwa nk’ igiti.


mut’ Uhoraho agize ngo Ni jewe naremye isi, n’abantu n’ibikōko biri kw isi, mbiremesha ubushobozi bganje bginshi n’ukuboko kwanje kurāmvuye; kand’ ivyo mbigabira uwo ngomba.


Ni muhunge muve hagati muri Babuloni, umuntu wese yunzūre amagara yiwe; ntimuranduranwe na ho, muzira ibigabitanyo vyaho, kukw ar’ igihe c’uguhōra kw’Uhoraho, agira ahasubirize mu nkōko.


Twagerageje kuvūra Babuloni, ariko ntihakize: reka tuhahebe, umuntu wese ni yisubirire mu gihugu cabo: kukw iteka haciriweko rishitse no kw ijuru, rigiye hejuru gushitsa no mu bicu.


Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko cabaye kirekire, ubushorishori bgaco bugashika mu bicu, kand’ uburebure bgaco bugatuma umutima waco wishira hejuru:


ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;


Umusiguzi asemerera n’ijwi rirenga, ati Yemwe moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe, ngibi ivyo mugezwe:


Ibibabi vyaco vyari vyiza, kandi cari gitengengeye ibiribga vyinshi, kikabakw ivyo guhāza ibiriho vyose; ibikōko vyo mw ishamba vyugama mu gitūtu caco, ibiguruka mu kirēre vyārika mu mashami yaco, kand’ ivyari n’ubugingo vyose vyatungwa na co.


Kandi mwami, nk’uko wabonye umushibamyi kandi yar’ uwera amanuka ava mw ijuru, ati Ni wīcire ico giti ugicagagure, arikw igishitsi ukirekerane n’imizi yaco mu kuzimu, ugihambirize ivyuma n’ imiringa, gisigare mu vyatsi bitoto vyo ku musozi, kize gitondweko n’urume ruva mu kirēre, kirishanye n’ibikōko vyo mw ishamba, gushitsa ibihe ndwi bigikūranirwako:


Hashize amezi cumi n’abiri yarikw aranobanga mu rugo rwiwe i Babuloni.


Ariko yishize hejuru, yikomantaje umutima bimuteye gukoresha ubugabo, ataramurwa ku ngoma, kandi bamwāka icubahiro ciwe.


Nuko yirukanwa mu bantu, umutima wiwe uhindurwa nk’uw’ ibikōko, aba hamwe n’indogoba z’inyeshamba, arisha nk’inka, kand’ umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre; gushitsa aho yamenyeye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabgimikamw’ uwo igomba wese.


Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rer’ igiti cose kitāma ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.


Igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.


Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rero, igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.


Asemerera n’ijwi rirenga, nk’ukw intambge yivuga: asemereye, imituragaro ndwi ituragara amajwi yayo.


Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan