Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ibibabi vyaco vyari vyiza, kandi cari gitengengeye ibiribga vyinshi, kikabakw ivyo guhāza ibiriho vyose; ibikōko vyo mw ishamba vyugama mu gitūtu caco, ibiguruka mu kirēre vyārika mu mashami yaco, kand’ ivyari n’ubugingo vyose vyatungwa na co.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:12
13 Iomraidhean Croise  

Abatware b’amoko yo mw isi ibāka ubgenge, Ibayerereza mu bugaragwa ahatagira inzira.


Kuko harih’ ivyizigiro vy’ igiti, iyo giciwe, yuko kizokwongera kunaga, Kand’ ibitontomya vyaco ko bitazobura.


Arikw iyo cumvise amazi gica kinaga, Kigashamika nk’igiti kikiri gito.


Uwar’ atubereye nk’impwemu duhumeka, uwari yararobanujwe amavuta n’Uhoraho, yakorokeye mu vyobo vyabo, Kand’ ari we twari twishimiye, ngo mu gitūtu ciwe ni ho tuzoba, uko turi hagati mu mahanga.


ku musozi muremure w’i Bgisirayeli ni ho nzogatera; na ko kazoshamika amashami, kame imbuto, kabe igiti c’isederi ciza; kand’ inyoni n’ ibisīga vyose vy’amoko yose bizokwibera musi yaco; mu gitūtu c’amashami yaco ni ho bizoba.


Na vyo bimanukana na co i kuzimu, bihamvya abāriritswe n’inkota; mbere ni bo bari bakibereye ububasha, bakāma bibera mu gitūtu caco hagati mu mahanga.


asemerera n’ijwi rirenga, ati Ni wīcire ico giti, ugikokore amashami, ugihungurure amababi, usābagize ivyo camye: ibikōko bikive musi, kandi n’ibiguruka bive mu mashami yaco.


Kandi ni kanzinya hanyuma y’imbuto zose, arikw iyo gakuze kaba kanini kakaruta ibirimwa vyose, kakaba igiti. Maz’ inyoni zo mu kirere zikaza zikārika mu mashami yaco.


Arik’ uwo musi cank’ iyo saha, nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’ Umwana w’Imana, atari Data gusa.


arikw iyo gatewe, karakura, kakaba kanini, kakaruta ibirimwa vyose, kagashamika amashami manini, kand’ inyoni zo mu kirere zishobora kwārika ivyāri mu gitūtu cako.


Busa n’akabuto ka sinapi, umuntu yābiriye, akagatera mu ntabire yiwe, kagakura, kakaba igiti, inyoni zo mu kirēre zikārika mu mashami yaco.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan