Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ico giti kirakura, kirakomera, ubushorishori bgaco bushika kw ijuru, kibonwa n’abo ku mpera y’isi yose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:11
6 Iomraidhean Croise  

Baravuga, bati Ngo twiyubakire igisagara, n’umunara uz’ ushikīre ijuru, kugira ngo twironkere izina rya rurangiranwa, twoye gusābagira mw isi yose.


Kand’ abantu b’akavantara b’agaterabgoba bo mu mahanga baragiciye, bagisiga ngaho: amashami yaco asanzara ku misozi no mu myonga yose, n’ amasango yaco avunagurikira ku migende y’amazi yose yo mu gihugu; kand’ amahanga yose yo mw isi ava mu gitūtu caco agisiga ngaho.


Ni co catumye uburebure bgaco bushirwa hejuru y’ibiti vyose vyo mu gahinga; n’ amasango yaco agatagarara, n’ amashami yaco agashibuka kubgo kugira amazi menshi ayakuza.


Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu; kukw ibikomeye vyakorewe muri wewe, iyo biba vyarakorewe i Sodomu, haba hakiriho na bugingo n’ubu.


Ni mwumve, yemwe Bisirayeli, mur’ iki gihe mugiye kuzojabuka Yorodani, mwinjire igihugu c’amahanga abarusha ubginshi n’inkomezi, kirimw’ ibisagara binini, bizitijwe inzitiro z’amabuye zigera mw ijuru,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan