Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Jewe umwami Nebukadineza ndabandikiye, moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe mwese, muri kw isi yose: amahoro agwire muri mwebge.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 4:1
16 Iomraidhean Croise  

Maze Mpwemu aca aza kuri Amasayi, umukuru wa ba bandi mirongwitatu, aravuga, ati Tur’ abawe, Dawidi; turi ku ruhande rwawe, wewe mwene Isayi! Amahoro, amahoro abe kuri wewe, abe no ku bagutabara, kukw Imana yawe ari yo igutabara. Nuko Dawidi arabākīra, abagira abagabisha bo kugaba ibitero.


Maz’ umwami arungikira inyishu uwo mujanama Rehumu na Shimushayi umukarani na bagenzi babo baba i Samariya no mu bindi bihugu vyo hakurya y’ uruzi, ati N’amahoro. None rero


Nuko bamurungikira icete canditswe girtya, ngo Ku mwami Dariyo, n’ amahoro neza.


Bukeye ku musi w’icumi na gatatu w’ukwezi kwa mbere, bahamagara abakarani b’ umwami, bandika vyose nk’uko Hamani yabishinze, babirungikira ivyēgēra vy’umwami n’abaganza ibihugu vyiwe vyose, n’abaganwa bo mu mahanga yose, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bavyandika mw izina ry’ umwami Ahasuwerusi, babidomakw ikimenyetso co ku mpeta y’ umwami.


Nukw ico gihe abakarani b’ umwami barahamagarwa, hāri ku musi wa mirongwibiri na gatatu w’ukwezi kwa gatatu kwitwa Sivani, bandika ivyo Moridekayi ashinze ku Bayuda vyose, bavyandikira ivyēgēra vy’umwami, n’abaganza ibihugu, n’abaganwa b’ibihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, uhereye i Buhindi ugashitsa Etiyopiya, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bandikira n’Abayuda mu rurimi rwabo ukw inyandiko zabo ziri.


Ni co gitumye nshinga icagezwe, yuk’ umuntu wese wo mu bgoko bgose cank’ ihanga canke wo mu bavuga indimi zitari zimwe, azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azohimbagurwa, kand’ urugo rwiwe ruzosigara ar’ itongo; kukw ata yindi mana iriho ishobora gukiza ben’ ubu buryo.


Umusiguzi asemerera n’ijwi rirenga, ati Yemwe moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe, ngibi ivyo mugezwe:


Nuk’ umwami Dariyo yandikira amoko yose n’amahanga n’ abavuga indimi zitari zimwe baba mw isi yose, at’ Amahoro agwire muri mwebge!


Ni yo irokora igakiza, ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw ijuru no mw isi, kandi ni yo yakūye Daniyeli mu menyo y’intambge.


Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mur’ iyo misi abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi zidahwanye, bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe.


Ico gihinda cumvikanye, hakorana abantu benshi, barajorerwa, kuk’ umuntu wese yumvise ururimi rw’i wabo baruvuga.


ndabandikiye mwese mur’ i Roma mukundwa n’Imana, mwahamagariwe kuba abera. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo.


Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.


ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nyakuri mu kwizera. Ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan