Daniyeli 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Jewe umwami Nebukadineza ndabandikiye, moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe mwese, muri kw isi yose: amahoro agwire muri mwebge. Faic an caibideil |
Bukeye ku musi w’icumi na gatatu w’ukwezi kwa mbere, bahamagara abakarani b’ umwami, bandika vyose nk’uko Hamani yabishinze, babirungikira ivyēgēra vy’umwami n’abaganza ibihugu vyiwe vyose, n’abaganwa bo mu mahanga yose, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bavyandika mw izina ry’ umwami Ahasuwerusi, babidomakw ikimenyetso co ku mpeta y’ umwami.
Nukw ico gihe abakarani b’ umwami barahamagarwa, hāri ku musi wa mirongwibiri na gatatu w’ukwezi kwa gatatu kwitwa Sivani, bandika ivyo Moridekayi ashinze ku Bayuda vyose, bavyandikira ivyēgēra vy’umwami, n’abaganza ibihugu, n’abaganwa b’ibihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, uhereye i Buhindi ugashitsa Etiyopiya, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bandikira n’Abayuda mu rurimi rwabo ukw inyandiko zabo ziri.