Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maz’ uwo mwanya Abakaludaya bamwe bīgira hafi barega Abayuda.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 3:8
14 Iomraidhean Croise  

Arikw abona yuko gufata Moridekayi wenyene ata kimazi, kuko bari bamubgiye ubgoko bga Moridekayi ubg’ ari bgo; ni co catumye Hamani arondera uburyo bgo kugeseza Abayuda bose bāri mu bihugu vyose vy’umwami Ahasuwerusi, ari bo bgoko nyene bga Moridekayi.


b’imisore batagira agasembga, ariko b’indanga, bar’ uburyo mu vy’ubgenge bgose, b’abahanga mu vyo kumenya, b’insorongozi mu vy’ubgenge, kandi babereye gukora i bgami; kugira ngw abigishe inyandiko y’Abakaludaya n’ururimi rwabo.


Maz’ Abakaludaya bishura umwami, bati Mwami, nta muntu n’umwe wo kw isi yoshobora kukumenyesha iryo jambo; kukw ata mwami cank’ umuganwa cank’ umutware yigeze gusobanuza umunyamarēba n’umwe cank’ umupfumu cank’ Umukaludaya ben’ iryo jambo.


Umwami aca ahamagaza abanyamarēba n’abapfumu n’abarozi n’Abakaludaya, ngo bamubarire inzozi ziwe. Nuko bararenguka, bahagarara imbere y’umwami.


Maz’ abantu bose bumvise amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, amoko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bose, ako kanya baca bikubita hasi basenga ico gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yari yāhagaritse.


Abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi bararenguka: mbarotorera izo nzozi, ariko ntibāmmenyesha uko zisobanurwa.


Maze ba bakuru n’abaganwa baherako barondera urwitwazo rw’ ico borega Daniyeli ku vy’igihugu; ariko bamuburak’ urwitwazo na rumwe cank’ igitiriganye; kuko yar’ umwizigirwa, ntabonekekw amafuti cank’ igitiriganye na kimwe.


Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan