Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maz’ abantu bose bumvise amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, amoko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bose, ako kanya baca bikubita hasi basenga ico gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yari yāhagaritse.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 3:7
15 Iomraidhean Croise  

Babuloni cār’ igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Uhoraho, cāboreje isi yose: amahanga yanyoye kuri vino yaco, ni co catumye azimira ubgenge.


Maz’ umwami Nebukadineza aca yikubita hasi, apfukamira Daniyeli, avuga ko bamucumitira ikimazi bakamwosereza imibavu.


washizeh’ icagezwe, mugenzi, kivuga ng’ Umuntu wese ni yumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuzwa, ace yikubita hasi asenge ico gishushanyo c’izahabu;


Umusiguzi asemerera n’ijwi rirenga, ati Yemwe moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe, ngibi ivyo mugezwe:


ngo Ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ivyitwa sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuzwa, muce mwikubita hasi musenge iki gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yahagaritse;


arik’ umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, mur’ ako kanya aca atererwa mw itanure ry’umuriro uhinda.


Maz’ uwo mwanya Abakaludaya bamwe bīgira hafi barega Abayuda.


ni yo yaretse amahanga yose mu bihe vyahise ngo bagendere mu nzira zabo.


Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Kizimirisha ababa kw isi ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikōko, kibarira ababa kw isi gukora igishushanyo ca ca gikōko cari n’uruguma rw’inkota, kigahava kikabaho.


Muri ya mitwe yaco mbonamw’ umwe usa n’ūkomeretse akagīrīre: uruguma rwocishe rurakira. Isi yose ikurikira ico gikōko bagitangarira.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan