Nukw ico gihe abakarani b’ umwami barahamagarwa, hāri ku musi wa mirongwibiri na gatatu w’ukwezi kwa gatatu kwitwa Sivani, bandika ivyo Moridekayi ashinze ku Bayuda vyose, bavyandikira ivyēgēra vy’umwami, n’abaganza ibihugu, n’abaganwa b’ibihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, uhereye i Buhindi ugashitsa Etiyopiya, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bandikira n’Abayuda mu rurimi rwabo ukw inyandiko zabo ziri.