Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 3:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Ni co gitumye nshinga icagezwe, yuk’ umuntu wese wo mu bgoko bgose cank’ ihanga canke wo mu bavuga indimi zitari zimwe, azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azohimbagurwa, kand’ urugo rwiwe ruzosigara ar’ itongo; kukw ata yindi mana iriho ishobora gukiza ben’ ubu buryo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 3:29
17 Iomraidhean Croise  

Maze bamenagura inkingi ya Bayali, basangangura iyo ngoro yayo, bayihindura umusarane gushitsa na bugingo n’ubu.


Kandi nshinze itēka, k’umuntu wese azohindura iri bgirizwa, bazositura inkingi mu nzu yiwe, bayishinge bayimumanikeko, kand’ inzu yiwe bayihindure ikirundo c’isakamburira bamuhoye ivyo.


Agakiza n’ak’ Uhoraho: Umugisha utanga ube ku bantu bawe. Sela.


N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.


Nuk’ umwami aganira na bo, ariko muri bose ntihābonetse ūhwanye na Daniyeli na Hananiya na Mishayeli na Azariya: ni co catumye bagirwa abo gukorera umwami.


Nuk’ uwo mukuru w’inkone abīta ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shaduraka, Mishayeli amwita Meshaki, Azariya amwita Abedunego.


Nuko Daniyeli aja i we, abimenyesha bagenzi biwe, Hananiya na Mishayeli na Azariya,


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


Maze Daniyeli asaba umwami ngo Shaduraka na Meshaki na Abedunego bamutwarire mur’ ico gihugu c’i Babuloni; ariko Daniyeli aguma i bgami.


Nuk’ umwami yishura Abakaludaya, ati Vyamvuyeko: kandi ni mutammenyesha izo nzozi n’ingene zisobanurwa, muzohimbagurwa, kand’ ingo zanyu zizosigara ar’ amatongo.


Nuko rero harih’ Abayuda bamwe wahaye gutwara mu gihugu c’i Babuloni, ni Shaduraka na Meshaki na Abedunego: abo bagabo, mugenzi, ntibaruha bakubara, ntibasaba imana zawe, kandi ntibasenze ca gishushanyo c’izahabu wahagaritse.


Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?


Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi.


Nebukadineza aravuga, at’ Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye, kukw ijambo ryanje baricishije ukundi, bagaheba amagara yabo, kugira ngo ntibagire iyindi mana n’imwe basaba canke basenga, atar’ Imana yabo.


Nuko ku ngoma ya Dariyo no ku ngoma ya Kuro Umuperesi, Daniyeli agira ikiganza ciza.


Kukw igitandara ca ba bandi kidahwanye n’icacu, Mbere n’abansi bacu ubgabo barabizi.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan