Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 3:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Maz’ ivyēgēra vy’umwami n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama b’umwami bakoranye bitegereza abo bagabo, basanga umuriro utāshoboye kugira ico ubagira ku mibiri yabo, kandi n’umushatsi wo ku mitwe yabo utābabutse, n’imyinjiro yabo ata co yabaye, haba n’akarangu k’umuriro bonukako.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 3:27
17 Iomraidhean Croise  

Nukw aragenda, asanga uwo muvyimba urambaraye mu nzira, na ya ndogoba n’intambge bihagaze i ruhande yawo; arikw iyo ntambge ntiyari yariye uwo muvyimba, canke ngw itabagure iyo ndogoba.


Nuko none, Uhoraho Mana yacu, ndakwinginze udukize, udukūre mu maboko yiwe, kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe Mana wenyene, ewe Uhoraho.


Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa uhoraho, Kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.


Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.


Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


Nuko baboha abo bagabo, uko bākambaye imyinjiro n’amakanzu n’imitamana n’izindi mpuzu bambaye, babaterera hagati mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda.


Maz’ umwami aca aranezerwa cane, avuga ko bakūra Daniyeli muri rwa rwobo. Nuko Daniyeli akūrwa mu rwobo, nta n’agakwabu kabonetse kuri we, kuko yari yizigiye Imana yiwe.


abakuru bose b’igihugu, n’ivyēgēra vyawe, n’ abaganwa n’abacamanza n’abagabisha, bagiye inama ngo hashingwe icagezwe cawe, no gushirah’ icihanikirizo gihambaye, ngo kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba, cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, az’ atererwe mu rwobo rw’intambge.


Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe.


Umwami arazi ivyo neza, kandi ndamubarira nshize amanga; kuko nzi yukw ata na kimwe mur’ ivyo ahishijwe, kukw ivyo bitākorewe mu mfuruka.


Nuko ndabinginze, ni murābe utwo murya: kukw ari vyo vyobakiza, kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko ku mitwe yanyu.


no kuzimya ubukare bg’umuriro, no gukira ubugi bg’inkota, no guhindurwa mu ntege nke ngo zicike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara, no kunesha ingabo z’abanyamahanga.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan