Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 3:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Maze Nebukadineza yīgira ku muryango w’iryo tanure ry’umuriro uhinda, ashira ijwi hejuru, ati Yemwe Shaduraka na Meshaki na Abedunego, mwa basavyi b’Imana isumba vyose, ni musohoke, muze hano. Nuko Shaduraka na Meshaki na Abedunego baca barasohoka bava hagati mu muriro.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 3:26
22 Iomraidhean Croise  

Kandi Melekisedeki umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana Isumba vyose, azana imitsima na vino.


kukw ar’ abantu bawe n’ ishamvu yawe wīkūriye muri Egiputa, hagati muri rya tanure rivugutira ivyuma.


Nuko baratwishura, bati Tur’ abasavyi b’Imana Nyen’ ijuru n’isi, kandi turiko turasubira kwubaka ingoro yari yarubatswe kera, ubu hashize imyaka myinshi, iyo umwami ahambaye w’Abisirayeli yari yarubatse akayuzuza.


Wahaye abantu kuduhonyangisha ku gakanu amafarasi bagenderako, Twaciye mu muriro no mu mazi; Maz’ udukūramwo, udushira ahantu hatūritse.


ni co gitumye Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba itanguriro, ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane; kand’ uwizera ntazohutagiza.


Kuko mutazovayo mwihuta, canke ngo mugende nk’abahunga: kuk’ Uhoraho azobaja imbere; Imana y’Abisirayeli izobīmiriza.


iryo nihanikirije ba sogokuruza ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, muri rya tanure rivugutira ivyuma, nti Ni munyumvire, mukore vyose ivyo mbagera: uko ni ko muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu;


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi.


Mbonye kw ari vyiza guserura ibimenyetso n’ibitangaza Imana isumba vyose yankoreye.


Ashitse hafi ya rwa rwobo Daniyeli yarimwo, ahamagara n’ijwi ry’umubabaro, abaza Daniyeli, ati Yewe Daniyeli musavyi w’Imana nzima, mbeg’ Imana yawe ukorera na ntaryo yashoboye kugukiza izo ntambge?


Maze Daniyeli yishura umwami, ati Mugenzi nyaguhoraho,


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Uyo aradukurikira twebge na Paulo, asemerera, at’ Aba bantu n’abasavyi b’Imana isumba vyose, kandi bababarira inzira y’agakiza.


Ariko Paulo arabishura, ati Ko bādukubitiye imbere y’ishengero, ata kidutsinze, kandi tur’ Abaroma, bakadushira mw ibohero: none bagomba kuduhinda mu mpisho? Ekaye, ni babe ari bo biyizira ubgabo badusohore.


Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,


Mbeg’ ubu n’ishimwe ry’abantu ngomba, canke n’iry’ Imana? Canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, simba nd’umugurano wa Kristo.


Ariko mweho, Uhoraho yarabashīngūye, abakūra muri rya tanure rivugutira ivyuma, ari ryo Egiputa, kugira ngo mumubere abantu yiharije, nk’uko biri n’ ubu.


Abaherezi bareruye isandugu y’isezerano ry’Uhoraho bahagarara muri Yorodani hūmūtse, maz’ Abisirayeli bose bajabukira ahūmūtse, kugeza ah’ abantu bose barangirije kujabuka Yorodani.


Kukw abo baherezi bareruye iyo sandugu bari bahagaze muri Yorodani, gushitsa ah’ ivyo Uhoraho yabariye Yosuwa kubgira abantu vyarangiriye vyose, bihwanye n’ivyo Mose yari yarabariye Yosuwa vyose: nuko ni kw abantu bihuse, barajabuka.


Ijwi riva kur’ iyo ntebe rivuga, riti Ni mushime Imana yacu, yemwe mwese abagurano bayo, abayubaha, aboroshe n’abakomeye.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan