21 Nuko baboha abo bagabo, uko bākambaye imyinjiro n’amakanzu n’imitamana n’izindi mpuzu bambaye, babaterera hagati mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda.
Nuko shebuja wa Yosefu aramufata, amushira mw ibohero, aho bārindira abo umwami aboshe: nukw aba ngaho mu nzu y’imbohe.
kandi bazohinduka umuvumo wo kuvumana w’abambukanywe bose b’i Buyuda bar’ i Babuloni, ng’ Uhoraho arakakugira nka Zedekiya na Ahabu, abo umwami w’i Babuloni yataze ku muriro babona;
Nukw abarira abahizi bamwe bo mu ngabo ziwe kuboha Shaduraka na Meshaki na Abedunego, ngo babaterere mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda.
Maz’ ivyēgēra vy’umwami n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama b’umwami bakoranye bitegereza abo bagabo, basanga umuriro utāshoboye kugira ico ubagira ku mibiri yabo, kandi n’umushatsi wo ku mitwe yabo utābabutse, n’imyinjiro yabo ata co yabaye, haba n’akarangu k’umuriro bonukako.
arik’ umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, mur’ ako kanya aca atererwa mw itanure ry’umuriro uhinda.
Bazobaterera mw itanure ry’umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.