Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nuk’ umwami Nebukadineza atuma gukoranya ivyēgēra vyiwe n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama bakuru, n’abazezwabintu n’abacamanza n’abashingantahe n’abatware bose bo mur’ ivyo bihugu, ngo baze guhezagira ico gishushanyo umwami Nebukadineza yari yahagaritse.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 3:2
10 Iomraidhean Croise  

Yerobowamu ashinga ko haba umusi mukuru mu kwezi kw’umunani, ku musi wakwo w’icumi na gatanu, uhwanye n’umusi mukuru bāgira i Buyuda, yosereza ibimazi ku gicaniro; n’i Beteli ni ko yabigenza, aha ibimazi vya bishushanyo vy’amamasa yacurishije. I Beteli ahashira abaherezi b’ivyo bitabo yatabishije ku mpinga z’ imisozi.


Ūganza, iyo yumvira ibinyoma Abasavyi biwe bose baba ar’ abanyavyaha.


Maz’ ivyēgēra vy’umwami n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama b’umwami bakoranye bitegereza abo bagabo, basanga umuriro utāshoboye kugira ico ubagira ku mibiri yabo, kandi n’umushatsi wo ku mitwe yabo utābabutse, n’imyinjiro yabo ata co yabaye, haba n’akarangu k’umuriro bonukako.


Nukw ivyēgēra vy’umwami n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama bakuru n’abazezwabintu n’abacamanza n’abashingantahe n’abatware bose bo mur’ izo ntāra bakoranywa no guhezagira ico gishushanyo umwami Nebukadineza yari yāhagaritse. Nuko bahagarara imbere y’ico gishushanyo yāhagaritse.


kuko bābatumira ngo baze gusangira na bo ibimazi vy’ibigirwamana vyabo: nukw abo bantu bakabiryako, bakūnamira ivyo bigirwamana vyabo.


Uyo abami bo kw isi bāsambana na we, ababa kw isi bakaborerwa vino, ni zo busambanyi bgiwe.


Hanyuma abaganwa b’Abafilisitiya bakoranira gutanga ibimazi vyinshi babiha Dagoni imana yabo no kunezerwa, kuko bāvuga, bat’ Imana yacu yagabuye umwansi wacu Samusoni mu maboko yacu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan