Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 3:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Maze Nebukadineza uburake buca buramusaza, mu nyonga hiwe harahindurira, atera igitsure Shaduraka na Meshaki na Abedunego: agera ko bakomanya itanure ngo rirushe uko ryahora ryaka ibihetangabo ndwi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 3:19
26 Iomraidhean Croise  

Yakobo abona yuko Labani atakimurāba ijisho ryiza nka mbere.


Nuko Hamani abonye yuko Moridekayi atamwunamiye canke ngw amwikubite imbere, aca arashangashirwa.


Umwami aca ahagurukana uburake, ava ku giturire ca vino, arasohoka aja mu nyubakwa yo ku ngoro; Hamani na we ava hasi ngw asabire agatwe kiwe ku mwamikazi Esiteri; kuko yar’ abonye k’umwami amaramaje kumwica.


N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.


Uburake bg’umwami ni nk’ intumwa zo kugeseza, Arik’ umuntu w’umunyabgenge arabuhwamika.


Umwibone yihayagiza, izina ryiwe ni Mucokoranyi; Akorana ubugabo bg’ubgibone.


ngiteretse mu kiganza c’abaguhahaza, c’abākubarira, bat’ Ubika inda, tuguceko; nawe ugatega mu mugongo hawe nko hasi, canke nk’inzira, ngo bahahite.


Ivyo bitera umwami kuraka, arashangashirwa rwose, agera ko bageseza abanyabgenge b’i Babuloni bose.


Nuko Nebukadineza araraka, arashungumirwa, avuga ko bafata Shaduraka na Meshaki na Abedunego. Nuko babazana imbere y’umwami.


Nukw abarira abahizi bamwe bo mu ngabo ziwe kuboha Shaduraka na Meshaki na Abedunego, ngo babaterere mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda.


Maze mu nyonga h’ umwami harahindurira, ivyiyumviro vyiwe bimuhagarika umutima; ingingo z’amatako yiwe ziradohoka, amavi arakomangana.


Maz’ umwami avuga ko bazana ba bagabo bāreze Daniyeli; babaterera muri rwa rwobo rw’intambge, bo n’abana babo n’abagore babo; zibasamira mu kirēre zibajanjagurana n’amagufa yabo, batarushe bashika no hasi mu rwobo.


Ivyo ni bitātuma munyumvira, nanje nzokwongera kubahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


Kandi ni mwashishikara kugenda munyuranya nanje, ntimunyumvire, nanje nzokwongera kubateza ivyago ibihetangabo ndwi bihwanye n’ivyaha vyanyu.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe ndi n’uburake, kandi nzobahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


Ariko bo bavyumvise baribga mu mitima, bashaka kubica.


Bavyumvise baribga mu mitima, bamuhekenyera imisaya.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan