Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 3:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ariko naho bitoba birtyo, umenye mugenzi, ko tutosaba imana zawe, canke ngo dusenge ico gishushanyo c’izahabu wahagaritse.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 3:18
20 Iomraidhean Croise  

Arishura, ati Nagize ishaka ryinshi ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo; kukw Abisirayeli bavuye mw isezerano ryawe, bagahomvagura ibicaniro vyawe, kandi bicishije inkota abavugishwa nawe; ni jewe jenyene nsigaye, nanje nyene barangenza ngo banyice.


Yamara rero, ngiye kwisigariza abantu ibihumbi ndwi mu Bisirayeli, batigeze bapfukamira Bayali canke ngo bamusome.


Ehe rāba, agira anyice: nta co nkirorereye; Yamara nzokwiregura ingeso zanje imbere yayo.


Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge.


Nebukadineza aravuga, at’ Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye, kukw ijambo ryanje baricishije ukundi, bagaheba amagara yabo, kugira ngo ntibagire iyindi mana n’imwe basaba canke basenga, atar’ Imana yabo.


Ntimuze muhindukirire ibigirwamana, canke ngo mwironderere ibigirwamana mu bivugutiwe mu nkero: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.


Ūrokora ubugingo bgiwe azobubura; n’ūheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonka.


Na we arabishura, at’ Iyo bugorovye, muravuga muti Buca haba umuco, kukw ijuru ryirasiye.


Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:


agahitamwo kugiriranwa nabi n’abantu b’Imana, abirutisha kumara igihe mu bihimbaro vy’ivyaha;


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan