Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 3:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 3:17
34 Iomraidhean Croise  

Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.


Mbega har’ ikinanira Uhoraho? Igihe gishinzwe, umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, nzogaruka i wawe Sara yavyaye umuhungu.


Iy’ itanze impore, ni nde yoyitsindisha? Iy’ itwikiriye mu nyonga hayo, ni nde yoshobora kuyibona? Ukw izigama ihanga ryose, ni kw izigama n’umuntu umwe;


Izokurokora mu vyago bitandatu, Mbere no mu vyago ndwi nta kibi kizogukorako.


Arikw Imana yacu iri mw ijuru, Yakoze ibiyihimbaye vyose.


Arikw agakiza k’abagororotsi kanduruka k’Uhoraho, Ni we buhungiro bgabo mu gihe c’amagorwa.


Kand’ Uhoraho arabatabara, akabarokora, Abarokora mu banyakibi, akabakiza, Kuko bamuhungiyeko.


Nk’ukw inzozi zimeze, iy’ umuntu yikanguye, Ni ko nawe, Mwami, ni wikangura, uzobakēngēra nk’ibiravūswe.


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Uzoshikamishwa n’ukugororoka; uguhahazwa kuzokuba kure, nta co uzotinya; bo n’ibitera ubgoba, kuko bitazokwēgēra.


Ntuz’ ugire ubgoba kubgabo, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kandi mur’ ubu bgoko nzoguhindura uruzitiro rukomeye rw’imiringa; bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo ngukize, nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nzokurokora ngukūre mu maboko y’ abanyakibi, kandi nzogucungura ngukūre mu maboko y’abantu b’agaterabgoba.


Maze Nebukadineza yīgira ku muryango w’iryo tanure ry’umuriro uhinda, ashira ijwi hejuru, ati Yemwe Shaduraka na Meshaki na Abedunego, mwa basavyi b’Imana isumba vyose, ni musohoke, muze hano. Nuko Shaduraka na Meshaki na Abedunego baca barasohoka bava hagati mu muriro.


Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki?


Nuk’ umwami apfa kubigera, bazana Daniyeli, bamuterera mu rwobo rw’intambge. Maz’ umwami abgira Daniyeli, at’ Imana yawe wama ukorera iragukiza.


Maz’ umwami aca aranezerwa cane, avuga ko bakūra Daniyeli muri rwa rwobo. Nuko Daniyeli akūrwa mu rwobo, nta n’agakwabu kabonetse kuri we, kuko yari yizigiye Imana yiwe.


Ni yo irokora igakiza, ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw ijuru no mw isi, kandi ni yo yakūye Daniyeli mu menyo y’intambge.


Ariko jeho nzohanga amaso Uhoraho; nzokwitega Imana y’ agakiza kanje: Imana yanje izonyumva.


kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


Maze Paulo aratubaza, ati Mukora ibiki, kurira mundandura umutima? Siniteguye kuboherwa gusa i Yerusalemu, ariko no gupfirayo, kubg’ izina ry’Umwami Yesu.


Ko bimeze birtyo, tuvuge iki? Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?


yadukijije urupfu rukomeye rurtyo, kand’ izodukiza; ni yo twizigira yukw izokwama irudukiza,


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Dawidi atakw aravuga, at’ Uhoraho yagiye andokora mu nzāra z’intambge no mu z’idubu, arandokora no mu maboko y’uwo Mufilisitiya. Nuko Sauli abarira Dawidi, ati Nuko genda; Uhoraho abane nawe.


Uyu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje; ngira nkwice, nguce izosi; kand’ imivyimba y’ingabo z’Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo mw ishamba, kugira ngw isi yose imenye ko mu Bisirayeli har’ Imana;


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan