16 Shaduraka na Meshaki na Abedunego bishura umwami Nebukadineza, bati Ntiturinda kugira ico tukwishura kur’ iryo jambo.
Nah’ umuntu yoshobora kunesha umwe, babiri bomunanira, kand’ igitsibo c’imigozi itatu ntigicika vuba.
Nuk’ uwo mukuru w’inkone abīta ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shaduraka, Mishayeli amwita Meshaki, Azariya amwita Abedunego.
Nuko rero harih’ Abayuda bamwe wahaye gutwara mu gihugu c’i Babuloni, ni Shaduraka na Meshaki na Abedunego: abo bagabo, mugenzi, ntibaruha bakubara, ntibasaba imana zawe, kandi ntibasenze ca gishushanyo c’izahabu wahagaritse.
Nebukadineza aravuga, at’ Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye, kukw ijambo ryanje baricishije ukundi, bagaheba amagara yabo, kugira ngo ntibagire iyindi mana n’imwe basaba canke basenga, atar’ Imana yabo.