Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nuko rero harih’ Abayuda bamwe wahaye gutwara mu gihugu c’i Babuloni, ni Shaduraka na Meshaki na Abedunego: abo bagabo, mugenzi, ntibaruha bakubara, ntibasaba imana zawe, kandi ntibasenze ca gishushanyo c’izahabu wahagaritse.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 3:12
15 Iomraidhean Croise  

Nuko Hamani abarira umwami Ahasuwerusi, ati Harih’ ubgoko busābagiye, bukwiragiye mu mahanga yo mu bihugu vyawe vyose; kand’ ivyagezwe vyabo nta ho bihūriye n’ivy’ ayandi mahanga yose, kandi ntibitondera ivyagezwe vyawe, mwami: ni co gituma, mwami, bitabereye gupfa kubarekera ngaho.


Uburake ni ruburakigongwe, ishavu ritwara nk’umuvo, Ariko ni nde yoshobora kwihanga ishari?


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Nuk’ uwo mukuru w’inkone abīta ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shaduraka, Mishayeli amwita Meshaki, Azariya amwita Abedunego.


Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni.


Maze Daniyeli asaba umwami ngo Shaduraka na Meshaki na Abedunego bamutwarire mur’ ico gihugu c’i Babuloni; ariko Daniyeli aguma i bgami.


kandi ng’ Umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, atererwe mw itanure ry’umuriro uhinda.


Shaduraka na Meshaki na Abedunego bishura umwami Nebukadineza, bati Ntiturinda kugira ico tukwishura kur’ iryo jambo.


Ni co gitumye nshinga icagezwe, yuk’ umuntu wese wo mu bgoko bgose cank’ ihanga canke wo mu bavuga indimi zitari zimwe, azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azohimbagurwa, kand’ urugo rwiwe ruzosigara ar’ itongo; kukw ata yindi mana iriho ishobora gukiza ben’ ubu buryo.


Maz’ umwami ashira hejuru Shaduraka na Meshaki na Abedunego mu gihugu c’i Babuloni.


Baca bishura umwami, bat’ Ariko Daniyeli we wo mu banyagano b’Abayuda, ntaruha akubara, mugenzi, canke ca cihanikirizo wasinyeko, arikw asenga gatatu‐gatatu ku musi.


Maz’ umwami yumvise iryo jambo biramutuntuza, ashira umutima kuri Daniyeli kugira ngw amukize; yihambirira ku vyo kurokora Daniyeli gushitsa izuba rirenze.


kandi Yasona yabashembereje: abo bose barenze ivyagezwe vya Kayisari, bavuga yuko harih’ uwundi mwami, ngo ni Yesu.


ati Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan