Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 3:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 washizeh’ icagezwe, mugenzi, kivuga ng’ Umuntu wese ni yumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuzwa, ace yikubita hasi asenge ico gishushanyo c’izahabu;

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 3:10
24 Iomraidhean Croise  

Maze Dawidi abarira abakuru bo mu Balewi gutora abaririmvyi mu b’i wabo, ngo bazane ivyo kuvuza, amakembe n’inanga n’ivyitwa matowazi, babivuze baririmbana umunezero.


Uko ni kw Abisirayeli bose bādūganye isandugu y’isezerano ry’Uhoraho basēsereza impundu, bavuza inzamba n’inzumbete n’ivyitwa matowazi, bavuza cane n’amakembe n’inanga.


Kand’ ashira Abalewi mu ngoro y’Uhoraho bafise ivyo kuvuza vyitwa matowazi n’amakembe n’inanga, nk’uko vyashinzwe na Dawidi na Gadi kamenyi w’ umwami na Natani yavugishwa n’ Imana, kukw ico cagezwe cari kivuye k’Uhoraho agitumye abo yavugisha.


Mbeg’ abagoreka imanza bazohūza nawe, Kand’ ari bo bagira ivyagezwe urwitwazo rwo kugira nabi?


ati Ni mwākīra abagore b’Abaheburayo, mwitegereze neza ikivutse: ni havuka umuhungu, muze mwame mumuniga, ariko ni yaba umukobga mumureke.


Farawo araheza abarira abantu biwe bose, at’ Umuhungu wese azovuka, muze mumute mu ruzi, arik’ umukobga mumureke.


Kand’ ikindi nongeye kubona musi y’izuba n’uko mw ikombe ry’imanza har’ ukugabitanya; no mw ikombe ry’ubugororotsi na ho har’ ukugabitanya.


Bazobona ibara, abashinga ivyagezwe bitabereye, n’abanditsi bandika ibigoramye;


kandi ng’ Umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, atererwe mw itanure ry’umuriro uhinda.


Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?


Baraza bavugira imbere y’umwami ivya ca cihanikirizo ciwe, bati Mbega ntiwasinye ku cihanikirizo washinze, yuko kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, azotererwa mu rwobo rw’intambge? Umwami arabishura, ati Narabishinze koko, nk’ukw ivyagezwe vy’Abamedi n’ Abaperesi bishingwa ntibihinduke.


bavugira inanga mu bijandajando, bakībāzira ivyo kuvuza, nka Dawidi;


Kand’ abaherezi bakuru n’Abafarisayo bāri bashinze ng’ uwomenya ah’ ari aharange, ngo bamufate.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan