Daniyeli 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Umwami Nebukadineza yakoze igishushanyo mw izahabu, uburebure bgaco bgar’ amatambge mirongwitandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ amatambge atandatu: agihagarika mu kiyaya c’i Dura, mu ntāra y’i Babuloni. Faic an caibideil |
ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.