Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko ni mutammenyesha izo nzozi, igihano muzohanwa ni kimwe; kuko mwagiye ingingo yo kumbarira amagambo y’ibinyoma n’ubuhumvyi, ngw ejo buzocana ayandi. Nuko rero ni mumbgire izo nzozi, mpeze mmenye ko mushobora no kuzinsobanurira.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 2:9
17 Iomraidhean Croise  

Uhoraho arayibaza, at’ Uja kumwosha ute? Na yo iti Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi biwe bose. Na we arayishura, ati Nuko, uramwosha, kand’ uzobishobora; genda ugire urtyo.


Nuk’ umwami w’ Abisirayeli akoranya ba kamenyi, bār’ abantu nk’amajana ane; arababaza, ati Mbega tuje gutera i Ramoti‐gileyadi canke dusigeho? Baramwishura, bati Dūga uhatere, kuk’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi.


at’ Ereg’ abamenyekana b’umwami bose, n’abantu bo mu bihugu vy’umwami, barazi yuk’ umuntu wese, ar’ umugabo cank’ umugore, yosanga umwami mu karusha, adahamagawe, har’ icagezwe kimwe gusa kuri ben’ uwo, n’ukwicwa; shit’ umuntu umwami atunze inkoni y’izahabu y’ubugabe bgiwe: bibaye birtyo, uwo ni we akira. Ariko jeho mmaze imisi mirongwitatu ntararengukishwa n’umwami.


Umunwa w’ukuri uzokomezwa gushitsa ibihe bidashira, Arik’ ururimi rw’ibinyoma n’urw’ akanya gato.


Muvuge ibigiye kuzoza hanyuma kugira ngo tumenye ko mur’ imana: mupfe gukora iciza canke gukora ikibi, kugira ngo tukirābe twese, tujorerwe.


Indagu z’abanyabinyoma ndazihindura ubusa, abapfumu nkabatēza ibisazi, nsubiza inyuma abanyabgenge, ubgenge bgabo nkabuhindura ubupfu.


Nuko nawe, mwana w’umuntu, tungīra ijisho abakobga b’ ubgoko bganyu, bavuga ibiva mu mitima yabo ubgabo; ubabūrire,


Uti Mwamutītūje mu bantu biwe ngo mwironkere ingemu z’ amashi ya sayiri n’ubumanyagu bg’imitsima, uti Kugira ngo mwice abantu batāri bakwiye gupfa, mukize abatāri bakwiye kubaho, uti Mu buryo mubesha abantu biwe bakunda kwumviriza ibinyoma.


Abavuga ngo Ni k’Uhoraho agize, kand’ Uhoraho atābatumye; beretswe ubusa bo n’indagu z’ibinyoma, kandi bizigiza abantu kw ijambo ryabo rizoshika.


Maze Daniyeli arinjira, asaba umwami ngw amuhe igihe az’ aze kumumenyesha uko bisobanurwa.


ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;


Umwami arabishura, ati Ndumva rwose ko mushaka kwīcīra inzira, kuko mubonye ko vyamvuyeko.


Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?


Peres, risobanurwa ng’ Ubgami bgawe buragabanganywe, buhawe Abamedi n’ Abaperesi.


Ubgo bgami buhabga Dariyo Umumedi, yar’ amaze imyaka nka mirongwitandatu n’ibiri y’amavuka.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Kuko tutari nka bamwe benshi, bacurūrīsha ijambo ry’Imana, ariko tuvuga nk’abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y’Imana.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan