Daniyeli 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)9 Ariko ni mutammenyesha izo nzozi, igihano muzohanwa ni kimwe; kuko mwagiye ingingo yo kumbarira amagambo y’ibinyoma n’ubuhumvyi, ngw ejo buzocana ayandi. Nuko rero ni mumbgire izo nzozi, mpeze mmenye ko mushobora no kuzinsobanurira. Faic an caibideil |
at’ Ereg’ abamenyekana b’umwami bose, n’abantu bo mu bihugu vy’umwami, barazi yuk’ umuntu wese, ar’ umugabo cank’ umugore, yosanga umwami mu karusha, adahamagawe, har’ icagezwe kimwe gusa kuri ben’ uwo, n’ukwicwa; shit’ umuntu umwami atunze inkoni y’izahabu y’ubugabe bgiwe: bibaye birtyo, uwo ni we akira. Ariko jeho mmaze imisi mirongwitatu ntararengukishwa n’umwami.
Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?