8 Umwami arabishura, ati Ndumva rwose ko mushaka kwīcīra inzira, kuko mubonye ko vyamvuyeko.
Bamwishura ubugira kabiri, bati Mwami n’uturotorere izo nzozi, twebge abasavyi bawe, natwe duheze tukumenyeshe uko zisobanurwa.
Ariko ni mutammenyesha izo nzozi, igihano muzohanwa ni kimwe; kuko mwagiye ingingo yo kumbarira amagambo y’ibinyoma n’ubuhumvyi, ngw ejo buzocana ayandi. Nuko rero ni mumbgire izo nzozi, mpeze mmenye ko mushobora no kuzinsobanurira.
mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi.
Mugendane ubgenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza.